Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Kante, Ziyech, De Vrij, Ronaldo, Min-jae, Berge, Smalling

Ahavuye isanamu, Getty Images
Barcelona irashobora guheraheza amasezerano yo kugura umufaransa akina hagati N'Golo Kante, mu kwa mbere, ariko bikazovana n'ingene imvune yiwe yo mw'itako izoba imeze, amasezerano afitaniye na Chelsea akaba azorangira mu ci riza. (Sport)
AC Milan ishobora guhagarika urugamba rwayo rwo kurondera umukinyi wo ku ruhande wa Chelsea, Hakim Ziyech w'imyaka 29, kubera ivyo uyu mukinyi mpuzamakungu wa Maroc asaba, ariko uyu murwi w'Ubutaliyano ukaba ucipfuza umusatirizi wa Albania Armando Broja w'imyaka 21 na we nyene akina muri aba ba Blues. (Gazzetta Dello Sport, via Football Italia)
Tottenham ishobora kuraba ingene yogura umukinyi w'inyuma, umunya-Hollande Stefan de Vrij w'imyaka 30 akina muri Inter Milan mu kwa mbere. Atletico Madrid nayo nyene iripfuza uyu mukinyi azoba yirebanga mu ci riza. (Football Insider)
Umumenyereza wa Manchester United Erik ten Hag yari yashatse guha uruhusha umusatirizi wa Portugal Cristiano Ronaldo akigira mu kwa munani guheze ariko imirwi itari mike yaranse ayo mahirwe yo kugura uyu musatirizi w'imyaka 37 ubu yasezeye muri uyo murwi wa Old Trafford, ku mushahara wa 80.000 vy'amapawundi ku ndwi. (Athletic)
Manchester United yasubiye kurondera umukinyi w'inyuma wa Naples/Napoli Kim Min-jae ariko rero iriko imurwanira na Real Madrid, amasezerano y'uyu mukinyi w'imyaka 26 akomoka muri Korea y'Epfo akaba arimwo ingingo ivuga ko umurwi umushaka utegerezwa gutanga imiriyoni 38 z'amapawundi. (Sunday Mirror)
Tottenham, Juventus, Inter Milan na Atletico Madrid yose iripfuza umukinyi wo hagati akina muri Brighton, umunya-Argentina Alexis Mac Allister w'imyaka 23. (Fichajes)

Ahavuye isanamu, Reuters
Arsenal na Chelsea yompi yari yipfuje kugura mu mwaka uheze umusatirizi wa Côte d'Ivoire Wilfried Zaha w'imyaka 30 asanzwe akinira Crystal Palace. (Teamtalk)
Newcastle ni wo murwi ufise amahirwe menshi yo kugura umukinyi w'inyuma akina muri Inter Milan, umunya Slovakia Milan Skriniar w'imyaka 27. (Calciomercato)
Chelsea na Liverpool yompi iripfuza umukinyi w'umunya-Norvège akina hagati, Sander Berge, 24, akina muri Sheffield United wo mu cicaro ca kabiri. (Jeunesfooteux).
Juventus yahambije Inter Milan mu gukurikiranira hagufi umwongereza akina inyuma Chris Smalling w'imyaka 33, akaba ashobora kwirebanga mu ci riza mu gihe amasezerano afitaniye na Roma azoba arangiye, mu gihe yokwanka amasezerano mashasha canke akanka kwongereza ayo afitaniye n'uyu murwi w'Ubutaliyano. (Sky Sports Italia )
Umunya-Portugal akina inyuma ku ruhande rw'ibubamfu Raphael Guerreiro w'imyaka 28, asa n'uwushobora kuva muri Borussia Dortmund mu ci riza. (Ruhr Nachrichten)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Sevilla iripfuza umukinyi wo hagati wa Angers Azzedine Ounahi w'imyaka 22 ariko yitwara neza mu murwi nserukira gihugu wa Maroc muri rino higanwa ry'igikombe c'isi yose 2022. (Fichajes )
Borussia Dortmund ntishaka kugurisha umubirigi akina ku ruhande rw'i buryo inyuma, Thomas Meunier, mu kwa mbere, ni mu gihe Barcelona yipfuza uyu mukinyi w'imyaka 31. (Sport )
Umukuru wa Bayer Leverkusen Simon Rolfes avuga ko uyu murwi "ata bwoba na buke ufise" ku bijanye na kazoza k'umukinyi wayo w'inyuma, umunya-Hollande Jeremie Frimpong w'imyaka 22, asanzwe yipfuzwa na Manchester United, ni mu gihe amasezerano afitaniye n'uyu murwi azorangira mu 2025. (Sky Deutschland iciye kuri Manchester Evening News)










