IKIBIRIRAHO, Kenya yemeje ko habonetse umurwayi wa mbere wa Ebola
Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Kenya Aden Duale yavuze ko uwo muntu yari amaze imyaka indwi aba kandi akorera muri DR Congo. Yafashwe n’indwara haheze nk’ukwezi, avurirwa mu bitaro bitandukanye muri Congo imbere yo guca muri Uganda agaruka muri Kenya.
Nigeria iri mu kigandaro inyuma y’isanganya ry’indege ya gisirikare ryahitanye abantu 32
Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida wa Nigeria, Bola Tinubu, yatangaje imisi itatu y’ikigandaro mu gihugu cose inyuma y’aho indege ya gisirikare ikorokeye muri reta ya Ondo, mu bumanuko bushira uburengero bw’ico gihugu, igahitana abantu 32.
Abategetsi bavuga ko iyo ndege yo mu bwoko bwa ATR-42 yariko iva i Benin City ija i Lagos mu rugendo rusanzwe rw’akazi igihe yagwa hafi y’ikirindiro c’igisirikare co mu mazi c’i Igbokoda ku wa mbere mu gitondo.
Abantu bose bari muri iyo ndege barapfuye. Harimwo ingenzi 25 n’abakozi bo muriyo ndege indwi.
Umwe mu baba muri ako karere yabwiye BBC ko iyo ndege yaguye hafi y’ahantu h’ibishanga. Yavuze ko impuzu n’ibirato vyabonetse aho yagwiriye, umwotsi na wo ukaba waraboneka cane.
Tinubu yategetse ko amabendera y’igihugu amanurwa gushika hagati mu kiringo c’imisi itatu, mu guha icubahiro abo bapfuye.
Yagize ati: “Iki ni igihe kibabaje cane ku gisirikare cacu no ku gihugu cose. Abasirikare bo mu kirere bashira ubuzima bwabo mu kaga buri musi kugira bakingire Nigeria. Ukwitanga kwabo ntikuzokwigera tukwibagira.”
Umushikiranganji ajejwe ivy’indege, Festus Keyamo, yavuze ko iyo ndege yari yaburiwe irengero isaha 09:13, kandi ko kugerageza kuvugana n’abari bayirimwo biciye kuri radiyo bitashobotse.
Perezida Tinubu yategetse igisirikare co mu kirere gutangura amatohoza kugira hamenyekane icatumye iyo ndege ikoroka no gukinga ko irindi sanganya nk’iryo risubira kuba.
Kenya yemeje ko habonetse umurwayi wa mbere wa Ebola
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Kenya bwemeje kuri uyu wa kabiri ko habonetse umurwayi wa mbere wa Ebola .
Uwo murwayi yahavuye apfa ku wa mbere mw’ijoro mu bitaro vya Nairobi.
Umushikiranganji Aden Duale yavuze ko uwo muntu yari amaze imyaka indwi aba kandi akorera muri DR Congo. Yafashwe n’indwara haheze nk’ukwezi, avurirwa mu bitaro bitandukanye muri Congo imbere yo guca muri Uganda agaruka muri Kenya.
Yashitse ku kibuga c’indege ca Jomo Kenyatta ku wa gatandatu mu ndege ya Jambojet yari itwaye ingenzi 23. Abo mu muryango wiwe baciye bamujana mu bitaro vya Nairobi, aca ashirwa ahantu ha wenyene.
Ibipimo vyakorewe muri laboratwari y’igihugu no mu kigo KEMRI vyemeje ko yari yanduye Ebola.
Ubushikiranganji bumaze kumenya abantu 28 bahuye na we, barimwo abo mu muryango wiwe n’abaganga bamwitayeho. Buriko kandi burondera ingenzi 23 n’abakozi bane bari kumwe na we mu ndege.
Amerika: Pentagone yahagaritse gukoresha ibikoresho vy’ubwenge buhinguwe vya Anthropic
Ahavuye isanamu, Reuters
Ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi bwahagaritse gukoresha ibikoresho vy’ubwenge buhinguwe vya Anthropic, nk’uko umutegetsi wo muri ubwo bushikiranganji yabibwiye BBC.
Muri Ruhuhuma (2), umushikiranganji wo kwivuna abansi, Pete Hegseth, yari yatangaje ko Anthropic ishobora kubangamira umutekano w’ibikoresho n’ubuhinga Pentagone ikoresha. Yari yavuze ko igisirikare kizohagarika gukoresha ibikoresho vy’iryo shirahamwe bitarenze mu mpera za Myandagaro (8).
Abantu bazi ivy’ico kibazo babwiye BBC ko gushika mu ndwi iheze, igisirikare ca Amerika cari kigikoresha Claude, ubwenge buhinguwe bwa Anthropic, mu bushakashatsi, mu gusesangura no gutororokanya amakuru y’iperereza no mu bikorwa bimwe vya gisirikare bijanye na Iran.
Mu mezi aheze, ibimenyeshamakuru vyavuze ko ibikoresho vya Anthropic vyakoreshejwe mu gusesangura amakuru ku musi wa mbere w’ibitero kuri Irani. Muri yo harimwo amakuru yerekeye igitero cagabwe kw’ishure ry’intango ry’abakobwa rya Shajareh Tayyiba i Minab.
Anthropic yaranse kugira ico ivuze ku cemezo ca Pentagone co guhagarika gukoresha ibikoresho vyayo.
Anthropic ivuga ko amatati yayo na Pentagone yatanguye kubera yanse ko Claude ikoreshwa mu gucungera Abanyamerika benshi no mu birwanisho vyigenga bishobora gutera ata muntu abitegetse.
Reta n’igisirikare vya Amerika vyatanguye gukoresha ubuhinga bwa Anthropic mu 2024. Iryo shirahamwe ni ryo rya mbere rihingura ubwenge buhinguwe buhanitse ryemerewe kubukoresha mu bikorwa vy’ibanga vya reta ya Amerika.
Victoire Ingabire arahakana uruhare mu mugambi wo kwangisha abaturage ubutegetsi no kugambirira kubuhirika
Ibiranga iyi nkuru
Umwanditsi, Jean Claude Mwambutsa
Igikorwa, BBC Great Lakes, Kigali
Umunyapolitiki utavugarumwe n’ubutegetsi Victoire Ingabire yahakanye kandi kuba mu mutwe w’abagizi ba nabi no gutegura imyigaragambyo itemewe.
Ubwo yireguraga Ingabire yemeye ko yagize uruhare mu gutegura inyandiko yiswe Urwandiko rw’inzira ruganisha U Rwanda ejo hazaza heza yateguranye na Bernard Ntaganda.
Gusa ngo uru rwandiko bombi baruteguye nk’abanyapolitiki badafite umugambi wo kugirira nabi ubutegetsi buriho.
Mu gihe gisaga amasaha ane avuga wenyine Ingabire yahakanye kugira uruhare mu mugambi wo kwangisha abaturage ubutegetsi yarezwe n’ubushinjacyaha.
Yavuze ku myiteguro y’umunsi wamwitiriwe ‘’Ingabire Day”’wagombaga kuvugirwamo amagambo ubushinjacyaha buvuga agaragazza nabi isura y’igihugu.
Amashusho yakiniwe mu rukiko yumvikanamo umuntu uvuga ngo tuzirikane ku bantu bishwe nka Kizito Mihigo ,Anselme Mutuyimana n’abandi.
Havugwa kandi ku bafunzwe nka Deo Mushayidi ndetse n;’ababuriwe irengero .
Ubushinjacyaha buvuga ko ubu butumwa bwagomba kuvugwa ku munsi witiriwe Ingabire burimo imvugo zigize icyaha kuko bushinja ubutegetsi nta bimenyetso.
Ingabire yavuze ko nta ruhare agira mu gutegura umunsi wamwitiriwe kandi ko n’uwumvikanye avuga ntaho yavuze ko ubutegetsi bwagize uruhare mu kwica cyangwa kuzimiza abantu.
Gusa avuga ko ubutegetsi bwari bufite inshingano zo kugaragaza abagize uruhare mu mfu nk’urwa Anselme Mutuyimana wabaga iwe mu rugo ,akaza kugaragzwa yapfiriye mu karere ka Rubavu aho yari yagiye gusura ababyeyi.
Ingabire avuga ko ntaho yashinje Leta uru rupfu ariko ko iyi yari ifite inshingano zo gukora iperereza ikagaragaza abarugizemo uruhare.
Ingabire yavuze no kunyandiko yemera ko yateguye afatanyije na Bernard Ntaganda ,undi munyapolitiki utavuga rumwe n’ubutegetsi.
Iyi nyandiko bise ‘’Urwandako rw’inzira ruganisha U Rwanda kuri ejo hazaza heza’’ ngo igitekerezo bagize bashingiye ku nama ziswe izo mu Rugwiro zabaye hagati y’umwaka wa 1998-1999.
Ibi biganiro byari bigamije kugena imiyoborere y’igihugu mu bihe byari imbere byagaragazaga amwe mu mahame yagombaga gushingirwa.
Ingabire avuga ko we na Ntaganda bagaragaje zimwe mu ngingo zitubahirijwe nyamara zari zaragaragajwe nk’izigomba kwitabwaho mu biganiro byo mu Rugwiro.
Izo ngingo zirimo nk’iy’ubuhunzi byifuzwaga ko bwacika burundu nyamara abantu bakaba bagihunga n’uyu munsi ndetse na bamwe mu bari muri ibi biganiro bakaba bari mu buhungiro uyu munsi.
Ingabire avuga ko aba mbere bahawe kopi y’iyi nyandiko ari ibiro by’umukuru w’igihugu ,inteko ishingamategeko ndetse n’ihuriro ry’amashyaka.
Kuri Ingabire bikaba bitumvikana ukuntu yari kwandikira izi nzego mu gihe yari kuba agamije guhirika ubutegetsi.
Yavuze no ku mugambi wo gutegura imyigaragambyo ubushinjacyaha buvuga ko yagombaga gukorerwa mu mujyi wa Kigali.
Gusa agasanga ubushinjacyaha bwarihutiwe kwanzura ko iki kiganiro cyari kigize umugambi w’icyaha kuko imyigaragambyo iba icyaha iyo itasabiwe uruhushya kandi ngo iyi ikaba itarabaye ngo bigaragare ko hateguwe itahawe uburenganzira.
Avuga ku majwi yafashwe humvirijwe ibiganiro hagati ye na Ntamuhanga ,Ingabire yavuze ko iki kimenyetso kigomba guteshwa agaciro kuko cyabonetse binyuranyije n’amategeko.
Ingabire yavuze ko mitegeko riteganya ko ububasha buhabwa ubugenzacyaha butangwa mu gihe cy’amasaha 48 kandi bukavugururwa inshuro imwe gusa .
Kumviriza ibiganiro bye na Ntamuhanga byo ngo byabaye mu gihe gsaga amezi 4 bityo ko byanyuranyije n’ibiteganyw a n’amategeko.
Biteganijwe ko ,umunsi w’ejo na wo uzaharirwa ukwiregura kwa Ingabire ,noneho umwanya munini ukaba uzaharirwa itsinda ry’abanyamategeko be ngo bagerageza kwibanda ku rwego rw’ibiteganyw a n’amategeko .
Yemen: Igisirikare ca reta kivuga ko casubiye kugenzura umuhora wa Bab al-Mandab
Ahavuye isanamu, AFP
Insiguro y'isanamu, Leta ya Yemen ivuga ko yatanguje igitero kigamije kwigarurira intara zose zari zigaruriwe n'aba Houthis .
Igisirikare ca reta ya Yemen gishigikiwe na Arabia Saoudite kivuga ko casubiye kugenzura umuhora wa Bab al-Mandab, ku mpera y’amaja epfo y’Ikiyaga gitukura.
Ico gisirikare catangaje kandi ko abarwanyi bo mu mirwi ya National Shield, Giants Brigades na Tihama Resistance bigaruriye ku wa mbere igisagara ca Mokha, babifashijwemwo n’ibitero vy’indege vya Arabia Saoudite.
Ariko amakuru yatanzwe n’abategetsi ba Yemen n’abasirikare avuga ko abo barwanyi bageze gusa mu micungararo ya Mokha. Amasoko ane ya Reuters avuga ko abarwanyi b’Abahouthi bariko barasubira inyuma.
Abasirikare bavuganye na AFP bavuga ko bataremeza ko Mokha yafashwe, ariko ko igisirikare ca reta cagenzura ikibuga c’indege ca gisirikare ca Dhubab kandi cagabanije umuhora uhuza Dhubab na Bab al-Mandab.
Ibimenyeshamakuru bicungwa n’Abahouthi vyahakanye ko igisirikare ca reta cateye muri Dhubab.
Abahouthi na bo bavuga ko bagavye ibitero ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Riyadh, ku ruganda rutunganya igitoro rwa Aramco no ku kibuga c’indege ca Abha. Ntaco baravuga ku makuru yerekeye Mokha.
Arabia Saoudite yaravyiyamirije, isaba ibihugu bihoraho mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano gushigikira reta ya Yemen.
Urunani rwa gisirikare rurongowe na Arabia Saoudite ruvuga ko indege zarwo ziriko zifasha igisirikare ca reta amasaha yose kandi ko zimaze gusambura ibibanza 324 rubona ko bihambaye mu bikorwa vy’Abahouthi.
Ivyo bitero biri mu gikorwa ca gisirikare citwa Operation Yemen Dawn, catangajwe ku wa mungu n’umukuru w’Inama irongoye Yemen, Rashad al-Alimi. Kigamije kwigarurira uturere twose tugenzurwa n’Abahouthi.
Ubushikiranganji bwa Yemen bujejwe amagara y’abantu buvuga ko kuva ku wa 6 Myandagaro (8), iyo ntambara imaze guhitana abantu 959, abandi 5.000 barakomereka.
Yavuze ko mw’ijambo yashikirije mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Irani yari yerekanye ko yiteguriye ibiganiro no kwemera ko ibikorwa vyayo vya nikleyeri bigenzurwa kugira amakungu ayizere.
Pezeshkian yagirije abo bagenzuzi kumenya aho ibigo vya nikleyeri vya Irani biri hamwe n’abahinga babikoramwo. Yavuze ko mu nyuma ivyo bigo vyagabweko ibitero, bamwe muri abo bahinga na bo bakicwa.
Ayo majambo aje mu gihe imigenderanire hagati ya Iran n’ibihugu vyo mu burengero ibandanya kuba mibi. Umugambi wa nikleyeri wa Tehran uracari kimwe mu bibazo bikomeye bituma impande zompi zitumvikana.
Trump avuga ko Amerika yakuye indege zitera amabombe mu Bwongereza kubera amakenga ko zoshobora guterwa
Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida Donald Trump yavuze ko Amerika yakuye indege zayo zitera amabombe ku kirindiro ca RAF Fairford mu Bwongereza kubera amakuru y’uko zashobora kugabwako igitero.
Ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi bwemeje ku wa mungu ko izo ndege, bikekwa ko zari nka 12 zo mu bwoko bwa B-1, zasubijwe ku birindiro vyazo muri Amerika.
Trump yabwiye abamenyeshamakuru ku wa mbere ko izo ndege zitakuweho ku busa. Yavuze ko hari amakuru bari bafise ko zigomba guterwa kandi ko Amerika izi abantu bari inyuma yavyo, ariko ntiyavuze abo ari bo.
Yongeyeko ko aho gusiga izo ndege ahantu umwansi yoshobora kuzishikira, Amerika yahisemwo kuzimura, naho yavuze ko zitajanywe kure cane.
Ntiharamenyekana neza igitero cari gushobora kugabwa kuri RAF Fairford. Ariko amakuru ava i Washington avuga ko hashobora kuba hari umugambi wo kwonona izo ndege canke kuzigabako igitero, mu gihe intambara hagati ya Amerika na Iran yosubira gukomera.
Iyo ngingo yafashwe inyuma y’ivyabaye ku wa 27 Nyakanga (9), igihe igipolisi cabwirwa ko hari imiduga itatu iteye amakenga hafi y’ico kirindiro.
Abagabo batanu barafashwe bakekwako ivyaha vy’iterabwoba, mu nyuma bararekurwa ariko baracitaba igipolisi. Uwundi mugabo afise ubwenegihugu bw’Ubwongereza n’ubwa Iran na we yarafashwe, aca ararekurwa nawe nyene.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Andy Burnham yavuze ko hari ivyerekana ko Irani yagize uruhara muri ivyo vyabaye. Abategetsi ba Amerika na bo bari bavuze ko hashobora kuba harimwo ukuboko kw’igihugu co hanze.
Ariko Irani yarabihakanye yivuye inyuma.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Marco Rubio, yavuze ko kwimura indege n’ibindi bikoresho vya gisirikare ari ibintu bisanzwe. Yavuze kandi ko Amerika icizera ubushobozi bw’Ubwongereza bwo gukingira ibirindiro vyayo.
Icegera ca Perezida wa Amerika, JD Vance, yavuze ko izo ndege zimuwe kugira hirindwe akaga ako ari ko kose.
RAF Fairford imaze imyaka myinshi ikoreshwa n’igisirikare co mu kirere ca Amerika. Mu mezi aheze, indege za B-1 na B-52 zahaguruka kuri ico kirindiro zija mu bikorwa vya gisirikare mu Buseruko bwo Hagati.
Umuhinga mu vy’umutekano yabwiye Reuters ko gukura izo ndege kuri RAF Fairford bigabanya ubushobozi bwa Amerika bwo kugaba ningoga ibitero kuri Irani.