IKIBIRIRAHO, DR Congo: Ebola yatumye abana barenga 1.900 baba impfuvyi, abandi batandukana n’imiryango yabo

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana, UNICEF, rivuga ko ikiza ca Ebola kimaze gutuma abana 1.903 baba impfuvyi canke batandukana n’abavyeyi hamwe n’abari basanzwe babitaho mu buseruko bwa DR Congo.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana

  1. Australia: Uwahoze ari musenyeri yapfunzwe azira gufata ku nguvu no gukorakora abasore babiri batabishaka

    Uwahoze ari musenyeri muri Australia, Christopher Saunders

    Uwahoze ari musenyeri muri Australia, Christopher Saunders, yaciriwe umunyororo w’imyaka itandatu n’igice kubera gufata ku nguvu no gukorakora abasore babiri b’Abasangwabutaka ba Australia.

    Saunders w’imyaka 76 yaciriwe uwo munyororo kuri uyu wa gatatu. Azoshobora kurekurwa imbere y’uko ikiringo ciwe kirangira guhera muri Ruhuhuma (2) 2031.

    Muri Myandagaro (8), sentare yari yamwagirije icaha kimwe co gufata umuntu ku nguvu n’ivyaha 12 vyo gukorakora abo basore batabishaka.

    Saunders yatanze imihoho mu 2020 ku mabanga yo kuba Musenyeri wa Broome, igihe yatangura kwagirizwa ivyo vyaha.

    Mu rubanza rwabereye muri reta ya Australia y’Uburengero, ubushikirizamanza bwavuze ko Saunders yagiye arakwegera abo basore, akabatumira mu bikorane aho basabwa gukura amashati, akongera akabaha inzoga nyinshi. Ivyo ngo akenshi vyakorerwa mu nyubakwa za Kiliziya kandi hagakoreshwa n’amafaranga yayo.

    Sentare yamwagirije ko yasomye akongera agakora ku mibiri y’abo basore mu buryo hagati ya 2010 na 2019. Yahamwe kandi no gufata umwe muri bo ku nguvu.

    Ariko ntiyagiriwe n’ivyaha yari yagirijwe ko yakoreye uwundi musore wa gatatu.

    Umwe mu bahohotewe yabwiye sentare ko bigoye kuvuga ivyashitse. Yagize ati: “Nari igikinisho yakoreshа. Ubu umutwe uriko urandya kandi ndababara cane.”

    Umucamanza Martin Flynn yavuze ko Saunders atubahirije agateka k’abo yahohoteye kandi ko yabateye ububabare buzomara igihe kirekire.

    Musenyeri Mukuru wa Perth, Timothy Costelloe, yasavye imbabazi abo basore, avuga ko bagaragaje umutima rugabo mu kubwira sentare ivyabashikiye no kurondera ubutungane.

    Saunders yari yabanje gukorwako amatohoza n’igipolisi mu 2020, ariko ararangira ata caha yagirijwe. Igipolisi casubiriye kuyatangura inyuma y’amatohoza adasanzwe yari yategetswe na Papa.

    Kiliziya Gatolika iriko irasabwa kwambura Saunders izina rya musenyeri n’ububasha yari asigaranye. Ingingo ya nyuma izofatwa na Vatikano.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. DR Congo: Ebola yatumye abana barenga 1.900 baba impfuvyi, abandi batandukana n’imiryango yabo

    abaganga ba ebola bafise abana

    Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana, UNICEF, rivuga ko ikiza ca Ebola kimaze gutuma abana 1.903 baba impfuvyi canke batandukana n’abavyeyi hamwe n’abari basanzwe babitaho mu buseruko bwa DR Congo.

    Mu vyatangajwe kuri uyu wa kabiri, UNICEF yavuze ko abo bana babuze umwe canke abavyeyi bompi, abandi na bo batandukana n’imiryango yabo kubera ico kiza catangajwe muri Rusama (5).

    Benshi muri abo bana bari muri Ituri, abandi amajana bakaba bari muri Kivu ya Ruguru. Ariko UNICEF igabisha ko igitigiri nyakuri gishobora kuba kiruta ico, kuko ibiharuro biriho vyavuye gusa mu turere ikoreramwo ifatanije n’inzego z’intara zijejwe imibano.

    Lucia Elmi, ajejwe ibikorwa vya UNICEF , yavuze ko Ebola ishobora gusiga abana ata muntu abitaho, bikabashira mu kaga ko gufatwa nabi, gukoreshwa canke kwandura izindi ndwara.

    Iryo shirahamwe ryamenye kandi ko hari abana 214 baba canke bakorera mw’ibarabara i Bunia bakeneye gukingirwa vyihutirwa. Kubera batagira ababitaho, bashobora kwandura Ebola bitagoranye no kutaronka imiti igihe barwaye.

    Gushika mu mpera za Nyakanga (9), abana barenga 2.000 bari bamaze kwandura Ebola, abarenga 1.100 na bo barapfuye. Abana barenga ica kane c’abanduye bose, ariko bakaba hafi ica gatatu c’abapfuye.

    UNICEF iriko irafasha ibigo vyakira abana biri hafi y’ibitaro bivurirwamwo Ebola. Iriko kandi irafasha abana bahungabanye no kurondera imiryango yabo.

    Iryo shirahamwe rikeneye imiriyoni 113,4 z’amadolari kugira ribandanye ibikorwa vyo kurwanya Ebola, ariko rimaze kuronka imiriyoni 40,1 gusa.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.