Imvo n'Imvano: Inyuma y'imyaka 25 sentare ya Afrika y'ubuseruko ishinzwe, yashitse ku ki?
Ikaze mu kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu itariki 21 z'ukwezi kwa 11 mu 2026.
Mu ndwi iheze ni ho sentare y'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'ubuseruko yahimbaza imyaka 25 irangiye iyo sentare ishinzwe. Iyi sentare ifise icicaro i Arusha, mu buraruko bw'igihugu ca Tanzania, ahasanzwe icicaro gikuru c'iryo shirahamwe.
Igikorwa nyamukuru c'iyo sentare ni ukwubahiriza amasezerano ashinga ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'ubuseruko no kuyashira mu bikorwa. Iraba kandi ko ibihugu bigize iryo shirahamwe, hamwe n'inzego zavyo, vyisunga amategeko.
Iryo shirahamwe ryatanguye ririmwo ibihugu bitatu, ubu ririmwo ibihugu umunani: Uburundi, Urwanda, Kenya, Tanzania, Uganda, Sudani y'Epfo, Republika ya Demokrasi ya Congo na Somalia.
Iyo sentare ifise n'akazi ko gutatura amatati yadutse hagati y'ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y'ubuseruko, inzego zigize iryo shirahamwe, no hagati y'amareta y'ivyo bihugu n'abanyagihugu bavyo co kimwe n'amashirahamwe arangurira imirimo muri ako karere.
Mu vyo iyo sentare ishinzwe kandi, harimwo kuraba neza ko ibihugu bigize ishirahamwe vyubahiriza amategeko n'intwaro ibereye, gutyo ikagira uruhara mu gutsimbataza demokrasi muri ivyo bihugu.
N'aho igikorwa nyamukuru c'iyo sentare ya Afrika y'ubuseruko kwari ugukurikirana ko amasezerano ashiraho iryo shirahamwe yubahirizwa, kenshi na kenshi hari abayitura iyo bishitse amareta y'ibihugu bigize iryo shirahamwe agahonyanga uburenganzira bw'abanyagihugu
Kuva iyo sentare ishinzwe imaze guca imanza zirenga 1000.
Ego imanza ziracibwa. Ariko hari abidoga ko izo manza zidaheza ngo zishirwe mu ngiro.
Ikindi abantu bavuga, n'uko umwanya watanzwe kugira umunyagihugu wo mu karere ashatse kwitura iyo sentare ashikane ibirego vyiwe, ari muto. Ni imisi 60.
Hari abantu bamwe bamwe batazi ivyerekeye iyi sentare, uko ikora, ubwoko bw'imanza yakira ubwo ari bwo, uko bigenda mu kuyitura n'uko imanza yaciye zishirwa mu ngiro.
Ibi ni bimwe mu vyo tuza kwibandako muri iki kiganiro mwateguriwe kandi mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.
Umutumire w'uyu musi n'umwe. Ni Kayobera Nestor arongoye sentare ya Afrika y'ubuseruko.


