Imyuzure yo mu buraruko bwa Bujumbura mu masanamu

Yatangajwe

Uburaruko bwa Bujumbura bwaraye busubiye guhura n'ikibazo c'imyuzure nyuma y'imvura nyinshi, amazu ashika ku mirongo itanu mu Carama na Buterere arasambuka.

Abantu bakora uko bashoboye ngo bakure amazi mu ngo zabo hatarononekara vyinshi
Insiguro y'isanamu, Abantu bakora uko bashoboye ngo bakure amazi mu ngo zabo hatarononekara vyinshi
Abanyagihgu bagerageza kubandanya ubuzima uko bashoboye
Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu bagerageza kubandanya ubuzima uko bashoboye
Abatuye mu Carama bavuga ko iyo imvura ikuvye baba bazi ko kabaye, ngo kandi bimaze imyaka ishika kuri ine
Insiguro y'isanamu, Abatuye mu Carama bavuga ko iyo imvura ikuvye baba bazi ko kabaye, ngo kandi bimaze imyaka ishika kuri ine
Kuronka aho uhonyora mu bice bimwe bimwe kari akazi katoroshe
Insiguro y'isanamu, Kuronka aho uhonyora mu bice bimwe bimwe kari akazi katoroshe
Inyubako zimwe zirashaje ku buryo imvura iguye ari nyinshi vyunyuka
Insiguro y'isanamu, Inyubako zimwe zirashaje ku buryo imvura iguye ari nyinshi vyunyuka
Abanyagihugu bagerageza uko bashoboye ngo bazibure amazi ashobore kurengana
Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu bagerageza uko bashoboye ngo bazibure amazi ashobore kurengana
Amabarabara amwe yari akirimwo ibidengeri vy'amazi
Insiguro y'isanamu, Amabarabara amwe yari akirimwo ibidengeri vy'amazi
N'ibigo vy'amashure navyo biri mu vyashikiwe n'imyuzure
Insiguro y'isanamu, N'ibigo vy'amashure navyo biri mu vyashikiwe n'imyuzure
Ikibazo c'imiserege idatunganije neza nico giteza imyuzure
Insiguro y'isanamu, Ikibazo c'imiserege idatunganije neza nico giteza imyuzure