Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru kuri uyu wa Mungu: Aubameyang, Cavani, Mata, Mbappe, Alli, Raphinha
Juventus irashaka umusatirizi wa Arsenal umunya Gabon Pierre-Emerick Aubameyang, 32, mu gihe kazoza kiwe muri uyu murwi wa Emirates Stadium karimwo igipfungu inyuma y'aho yakiwe ikibanza ca kizigenza. (Tuttosport - in Italian)
Leeds United iriko irarondera umukinyi wo hagati wa Juventus umunyamerika Weston McKennie, 23, ariko igategerezwa kuzoriha amafaranga yababa imiriyoni 26.5 z'amadorari y'abanyamerika. (Sun)
Umusatirizi wa Manchester United umunya Uruguay Edinson Cavani, 34, araronderwa cane na Barcelona mu kwa mbere ariko ikeneye kubanza kuronka icemezo c'uko yakize imvune yiwe imbere y'uko igiranira amasezerano nawe. (Sport - in Spanish)
Umukinyi wo ku ruhande Juan Mata, 33, abandanya aronderwa na Barcelona, mu gihe uyu munya Espagne adakunze kuronka amahirwe yo gukina muri Manchester United. (Star)
Manchester United iriteguye guhangana na Chelsea mu rugamba rwo kurondera umukinyi w'inyuma w'umufaransa Jules Kounde, 23, asanzwe akinira Sevilla. (AS - in Spanish)
Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp avuga ko umurwi wiwe utaragera ku mugambi wo kurondera abakinyi muri uku kwa mbere kuza, ariko akavuga ko, mu gihe vyoramuka bishitse, afise impungenge zo kuzana umukinyi ataricandagisha Covid-19. (Mirror)
Newcastle irashaka cane ko Manchester United yoyitiza umusatirizi wayo w'umufaransa Anthony Martial, 26, muri uku kwa mbere, ni mu gihe kandi ishaka n'uwundi musatirizi wa Inter Milan umunya Bosnia Edin Dzeko, 35.. (Sun)
Uwujejwe kwinonora imitsi muri Paris St-Germain Leonardo ntarota aheba umusatirizi w'umufaransa Kylian Mbappe, 22, kugira atere igikumu ku masezerano mashasha n'aho Real Madrid imurondera. Mu kwa mbere, Mbappe arashobora gutangura kuvugana n'imirwi imushaka hanze y'Ubufaransa. (AS, via Sky Sports)
Paris St-Germain iriko iritegura kugerageza Barcelona kugira irabe koko ko yiteguye kugumana umukinyi wo hagati wa Espagne Gavi, 17. (El Nacional - in Catalan)
Hagati aho, umumenyereza wa Barcelona Xavi avuga ko Gavi ari we "kazoza k'umurwi" kandi ko uyu musore ata kiguzi ntarengwa kuri we kirashingwa. (Marca, via 90 Min)
Newcastle iravugwa ko izoruhira kuzana umukinyi wo hagati wa Tottenham umwongereza Dele Alli, 25, mu gihe bokwemera kumutiza mu kwa mbere. (Football Insider)
Uwundi mukinyi aronderwa na Newcastle umunya Hollande akina inyuma muri Lille Sven Botman, 21, ntazi nimba mu kwa mbere ashobora kuva muri uyu murwi ufise igikombe c'ihiganwa ry'ubufaransa. (90min)
Manchester City igiye gutangura ibiganiro ku mukinyi w'inyuma wa Portugal Joao Cancelo mu mwaka buca utangura mu ntumbero yo kugiriranira nawe amasezerano yisumbirije n'uyu mukinyi w'imyaka 27. (Star)
Umumenyereza wa Tottenham Antonio Conte yavuganye na Inter Milan be n'umunya Chili akina hagati Arturo Vidal, 34, kugira ngo arabe ko yomuzana muri uyu murwi wa Londres/London. Aba bompi baratsindiye ihiganwa ry'Ubutaliyano Serie A igihe bari kumwe muri Juventus na Inter. (La Tercera - in Spanish)
Napoli yamaze gutegura urutonde rw'abo ishobora kurondera mu kwa mbere, harimwo n'umukinyi w'inyuma wa Tottenham umunya Colombia Davinson Sanchez, 25. (Corriere dello Sport - in Italian)
Bayern Munich igiye kwinjira ku rutonde rw'imirwi irondera umusatirizi wa Leeds umunya Brésil Raphinha, 24, mu ci riza. (TodoFichajes - in Spanish)
Arsenal irarondera kugura umukinyi wo ku ruhande wa Juventus, umunya Suède Dejan Kulusevski, 21. (CalcioMercato - in Italian)
Umumenyereza wa Roma Jose Mourinho asaba Tammy Abraham, 24, gufasha kwumvisha mugenziwe w'umwongereza Ruben Loftus-Cheek, 25 bahoze bakinana muri Chelsea ko yoja gukinira uyo murwi wo mu Butaliyano. (Star)
Umukinyi wo hagati wa Danemark Christian Eriksen, 29, afise "indoto" zo gusubira gukina umupira w'amaguru inyuma y'aho asezereye muri Inter Milan, nk'uko bivugwa n'umuserukizi wiwe. (Mail)
Watford iracarondera umukinyi w'inyuma wa Sampdoria umunya Gambia Omar Colley, 29, mu gihe umumenyereza w'aba Hornets Claudio Ranieri ariko arondera gukomeza uruhande rw'inyuma muri uku kwa mbere. (Tuttomercatoweb - in Italian)