Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Mbappe, Damsgaard, Kounde, Vlasic, Icardi, Sabitzer

Yatangajwe

Mu gihe ikiringo c'igura n'igurisha ry'abakinyi kiri hafi kurangira, Liverpool, Leeds na Aston Villa ishobora kuba iriko irarondera umukinyi wo ku ruhande wa Sampdoria umunya Danemark Mikkel Damsgaard, ariko Tottenham yoyo ikaba yarakuye akarenge mu rugamba rwo kurondera uyu mukinyi w'imyaka 21 yakoreye ibikomeye cane igihugu ciwe mu mahiganwa aheruka ya Euro 2020. (La Repubblica via Sport Witness)

Paris St-Germain ntirashobora kwishura umurwi wa Real Madrid uriko urarondera umusatirizi w'umufaransa Kylian Mbappe, 22, uyu musi wa mbere ukaba ari wo musi ntarengwa washinzwe n'uyu murwi wo muri La Liga kugira ngo PSG iwemerere canke iwuhakanire. (Marca)

Sevilla ntirota yemera amafaranga y'ama euros ari musi y'imiriyoni 80 ku barondera umukinyi w'inyuma, umufaransa Jules Kounde. Chelsea niyo iriko irarondera uyu mukinyi w'imyaka 22 inyuma y'aho igurishirije mugenziwe bakinana mu murwi nserukiragihugu Kurt Zouma, 26, muri West Ham. (Marca - in Spanish)

Juventus nta nteguro ifise yo kurondera Sergio Aguero, 33, Eden Hazard, 30, canke Pierre-Emerick Aubameyang, 32, kugira isubirize Cristiano Ronaldo. (Fabrizio Romano)

West Ham iri hafi yo gushika ku masezerano yo kugura umukinyi wo hagati wa CSKA Moscow umunya Croatia Nikola Vlasic, 23 ku miliyoni zababa 34 z'amadorari y'abanyamerika. (Guardian)

Aston Villa iriko irategura amafaranga agera ku miriyoni zababa 20 z'amadorari y'abanyamerika kugira irabe ko yoronka umukinyi wo hagati wa Liverpool umwongereza Curtis Jones, 20, atarashobora kuronka akaryo ko gukinira aba Reds mw'ihiganwa ry'uno mwaka. (Sun)

Tottenham iriko irarondera abandi bakinyi babiri imbere y'uko ikiringo c'igura n'igurisha ry'abakinyi kirangira, uwuri kw'isonga ry'abaronderwa akaba ari umukinyi w'inyuma wa Barcelona Emerson Royal, 22. (Express)

Everton, Brighton, Leeds na Crystal Palace yose iri mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Manchester United umunya Pays de Galles/Wales Daniel James, 23, yahawe uburenganzira bwo kuva i Old Trafford mu gihe wa musatirizi wa Juventus umunya Portugal Cristiano Ronaldo, 36, arindiriwe n'igishika cinshi. (Star)

Umugambi wa Manchester United wo gutiza Feyenoord umukinyi wo ku ruhande Amad Diallo uboneka ko wahagaze inyuma y'aho uyu mukinyi w'imyaka 19 yanduriye imvune. (AD via Goal)

Everton iri mu biganiro vyo kurondera umusatirizi w'umunya Venezuela Salomon Rondon,31, asanzwe akina mu murwi wo mu Bushinwa Dalian Professional. Umumenyereza w'aba Toffees Rafael Benitez asanzwe amuzi kuko yamubereye umumenyereza mu Bushinwa no muri Newcastle. (Sky Sports)

Watford iri mu biganiro na Birmingham kugira ngo uyu murwi wo mu cicaro ca kabiri (Championship ) mu Bwongereza urabe ko woyigurira kizigenza wayo Troy Deeney. (Athletic - subscription required)

Torino iriko irarondera ko Leicester yoyitiza umukinyi wayo wo hagati umubirigi Dennis Praet, 27, atarashobora gukinishwa muri uno mwaka. (Tuttomercatoweb, via Sport Witness)

Juventus yiteguye kubandanya urugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Borussia Dortmund umubirigi Axel Witsel, 32, mu gihe umumenyereza Massimiliano Allegri ariko ararondera gukomeza uruhande rwo hagati rw'umurwi wiwe. (Sky Sport - in Italian)

Uyu murwi wa Serie A ushobora kandi kurondera umusatirizi wa Paris St-Germain umunya Argentine Mauro Icardi, 28, amaze kwinjiza ibitsindo 124 mu nkino 219 amaze gukina mu myaka itandatu amaze mu bakeba ba Juve, Inter Milan. (Tuttosport - in Italian)

Bayern Munich yageze ku masezerano yo kugura umukinyi wo hagati Marcel Sabitzer, 27, wo mu murwi w'abakeba bayo muri Bundesliga, RB Leipzig, ku miriyoni 16 z'ama euros. (Bild - in German)