Mbega Irani izotera umugabane wa Buraya?

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 4

Irani irashobora gutera ibirindiro vya gisirikare vy'Amerika biri ku mugabane wa Buraya, hamwe Donald Trump yosubira kuyitera, nk'uko ikinyamakuru Financial Times kibitangaza, cishimikije amakuru aturuka ku bantu bari hafi y'abategetsi b'ico gihugu.

Ivyo bishobora kwagura cane urugero rw'intambara, ikarenga imbibe z'Ubuseruko bwo hagati.

Hagati aho, Irani iriko ihangana n'ikindi kibazo: bisa n'aho iriko iratakaza buhorobuhoro ububasha bwo kugenzura umuhora wa Hormuz, imwe mu nzira zikomeye zo mu mazi zicamwo urugero runini rw'igitoro gikoreshwa kw'isi.

Akaga ku mugabane wa Buraya

Nk'uko ikinyamakuru Financial Times kibivuga, igisirikare ca Irani cariko kiriyumvira gutera ibibanza vya Amerika biri mu bumanuko bushira ubuseruko bw'umugabane wa Buraya.

Muri ivyo bibanza harimwo ikibuga c'indege ca gisirikare ca Bezmer muri Bulgarie. Mu kwezi guheze, Amerika yarahawe uruhusha rwo kugikoresha. Ahanini gikoreshwa n'indege zayo zitwara igitoro.

Ahandi hashobora kuraswa ni kw'izinga rya Shipre.

Muri Ntwarante (3), ikibuga c'indege c'igisirikare c'Ubwongereza kiri Akrotiri kuri iryo zinga, caratewe na drone. Ico gihe, abategetsi bo mu Burengero bavuze ko hashobora kuba harimwo uruhara rwa Irani. Ku rundi ruhande, bibaza ko iyo drone ishobora no kuba yarashwe n'imirwi ifitaniye isano na Tehran.

Igisirikare ca Irani kiriko kiriyumvira kandi guca intsinga zitwara internet ziri musi y'amazi mu karere k'Umuhora wa Hormuz, hamwe amatati yokomera.

Nk'uko Financial Times ibivuga, ukuguma ku murongo ukaze kwa Tehran guturuka ku mpinduka mu kuntu ubuyobozi bwa Irani bubona ibintu.

Mu butegetsi bw'ico gihugu harushiriza kurwira abantu bemera ko intambara barimwo ari iy'igihe gito gusa.

Hagati aho, ibiganiro vyo kwumvikana ingene uruja n'uruza mu muhora wa Hormuz rwosubira kubandanya mu mwidegemvyo nk'uko vyari imbere y'intambara, vyarahagaze.

Trump mbere aherutse gutangaza ko ata biganiro canke uguhana ubutumwa hagati ya Irani na Amerika bihari muri iki gihe.

Abaserukira ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa kiislam bwa Iran hamwe n'abandi bakuru mu gisirikare c'ico gihugu baragabisha ko, mu gihe hokwaduka ayandi matati akomeye, Irani ishobora guhindura uburyo yahora ivyifatamwo.

Ubwa mbere Tehran yibanda cane ku kurasa ibirindiro vya gisirikare vya Amerika, ibikorwa remezo vy'inguvu n'ibindi bibanza bihambaye vyo mu Buseruko bwo Hagati.

Ubu, ibibanza biri hanze y'ako karere na vyo bishobora guterwa.

Umwe mu bantu baganiriye na Financial Times yavuze ko, hamwe Amerika yobatera, Tehran yiteguriye kwishura ata kugugumwa. Agira ati: "Amerika niyarenza urugero, Irani izokwirwanira uko bishoboka kwose, isohoke muri aka karere itere n'umugabane wa Buraya."

Irani yaramaze kuburira Ubwongereza ko ibirindiro vyabwo vya gisirikare bishobora guterwa.

Ishami rya gisirikare rijejwe gucungera ubutegetsi bwa kiislam rigira riti: "Ikibanza cose kizokoreshwa mu gutera Irani kizofatwa nk'aho Irani yemerewe gutumbereza ibitero."

Mbega ukwo gutera ubwoba kwoba kuri ku rugero rungana gute?

Siddharth Kaushal wo mu kigo c'Ubwongereza kijejwe kugira ubushakashatsi ku bijanye n'umutekano n'ingabo (RUSI) avuga ko akaga k'ibitero vya misire za Irani ku mugabane wa Buraya ari "ukuri, ariko gafise aho kagarukira."

Avuga ko Irani ishobora gukoresha misire zayo zo mu bwoko bwa 'balistique' harimwo izo mu muryango wa Shahab, mu gutera ibirindiro vya Amerika biri mu bumanuko no mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Buraya.

Ariko avuga ko, ku birometero vyinshi, izo misire zoshobora guhura n'ingorane zo kutagira ubuhinga buhagije bwo kugema neza ibibanza zoba zerekejweko hamwe no kudakora neza uko bikwiye.

Kaushal abona kandi ko Tehran vyoyibera vyiza gusumba, ibitero bigabwe n'imihari yitwaje ibirwanisho y'abarwanyi bayiyoboka, nk'iyo muri Iraki, hadasizwe inyuma Hezbollah yo muri Libani, canke Abahouthi bo muri Yemeni.

Douglas Barry wo mu Kigo mpuzamakungu c'ubushakashatsi ku bibazo bijanye n'ubuhinga bw'umutekano (IISS) avuga ko Irani yamaze kwerekana ko ishoboye kugaba ibitero ku bintu biri kure cane.

Avuga ko ukugerageza gutera ikibanza ca gisirikare ca Amerika ca Diego Garcia kiri mu kiyaga c'Ubuhindi vyerekanye ko Tehran ifise ibirwanisho bishobora kugera ku ntera irenga ibirometero 2.000.

Ariko Barry yongerako ko igitigiri ca misire nk'izo Irani ifise kitazwi koko. Kandi ikibazo nyamukuru ubu ni ukuntu nimba izo misire zishobora kugema ku bibanza zerekejweko.

Iyindi ngorane yerekeye umuhora wa Hormuz

Muri iki gihe, CNN ivuga ko Irani iriko iratakaza buhorobuhoro ububasha bwo kugenzura Umuhora wa Hormuz.

Nk'uko sosiyete ikurikirana ibijanye n'ingendo z'ubwato Kpler ibivuga, mu ndwi zibiri ziheze, ibice birenga 80% vy'ubwato bwarenganye muri uwo muhora bwakoresheje inzira iri hafi y'inkombe za Oman, n'ubwo Tehran yari yagabishije ko itazovyemera.

Homayun Falakshahi, arongoye isesengura ry'isoko ry'ibitoro muri Kpler, yagize ati: "Bisa n'uko Irani yatakaje ububasha bwo kugenzura uwo muhora, n'imiburiburi ku rugero runaka."

Ibihugu vyo mu Buseruko bwo Hagati na vyo biriko birondera izindi nzira zo kwirinda ako karere gateye akaga. Kuweyiti, Arabiya Sawudite na Emirats Zunze Ubumwe z'Abarabu (UAE) biriko bikoresha ubwato bunini butwara ibitoro kugira ngo bubijane hanze y'ako karere gateje akaga.

Hagati aho, umushikiranganji w'amasoko ntanganguvu wa Amerika, Chris Wright, avuga ko ubu mu muhora wa Hormuz haca hafi miriyoni 15 z'utugunguru tw'igitoro ku musi. Ico gitigiri kiri musi y'urugero ibintu vyariko imbere y'intambara kuko ico gihe hoho haca miriyoni 20.

OTAN: Turiteguriye guhangana n'iterabwoba iryo ari ryo ryose

Hagati aho, ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe OTAN/NATO ryavuze ko ryiteguriye gukingira ibihugu vyose bihurikiye muri ryo vyo ku mugabane wa Buraya, hamwe hoba igitero ico ari co cose cogabwa na Irani.

Umuvugizi wa OTAN agira ati: "Mu ntango z'uyu mwaka, ingabo za OTAN zashoboye guhagarika incuro zine misire zo mu bwoko bwa balistique zari zirashwe na Irani zerekezwa kuri Turukiya. Ivyo birerekana ko iri shirahamwe rifise ubushobozi bwo gukingira neza ibihugu biri muri ryo."