Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Mbappe, Haaland, Ward-Prowse, Odegaard, Neves, Laporte, Giroud

Yatangajwe

Umuyobozi nshingwabikorwa wa Paris St-Germain Nasser Al-Khelaifi avuga ko uyu murwi utarota ugurisha umusatirizi wayo w'umufaransa Kylian Mbappe w'imyaka 22. (AS - in Spanish)

Umurwi ukeneye kugira umusatirizi wa Borussia Dortmund, Erling Braut Haaland w'imyaka 20, muri iri ci utegerezwa gutanga imiriyoni 200 z'ama euros. (AS - in Spanish)

Aston Villa iriteguye gutanga amahera kugira igure umukinyi wo hagati wa Southampton umwongereza James Ward-Prowse w'imyaka 26 umusi umwe inyuma y'aho yemereye gutanga amahera atari bwigere abaho muri uyo murwi mu kugura umukinyi wo hagati Emiliano Buendia wo muri Norwich. (Guardian)

Southampton imenyesha ko ata mugambi ifise wo kugurisha Ward-Prowse inyuma y'aho umurwi Aston Villa umenyeshereje ko wipfuza uyu kizigenza wayo. (Mail)

Aho vyankiye ko ironka Buendia, intumbero nyamukuru ya Arsenal ubu ni ukugarukana umukinyi wo hagati wa Real Madrid, umunya Norvège Martin Odegaard w'imyaka 22, haba ku ntizo canke bwegu. (Football London)

Wolves iriteguye kwihweza amafaranga azotangwa na Arsenal muri ino ndwi mu kugura umukinyi wo hagati, umunya Portugal Ruben Neves w'imyaka 24. (Mail)

Arsenal iriteguye guhangana na Manchester United mu rugamba rwo kurondera umukinyi w'inyuma wa Atletico Madrid umwongereza Kieran Trippier w'imyaka 30. (Metro)

Trippier yarabwiye bagenzibe mu Bwongereza ko yiteguye kuva muri Espagne bibaye ngombwa kugira ngo yinjire muri Manchester United. (Sun)

Barcelona yasubiye kwerekana ko ishaka umukinyi w'inyuma wa Manchester City umunya Espagne Aymeric Laporte w'imyaka 27, kandi ishobora no gutanga umunya Espagne nyene, Sergi Roberto w'imyaka 29 kugira ngo ironke uyo mukinyi. (Sport - in Spanish)

Umusatirizi w'umufaransa Olivier Giroud w'imyaka 34 aracafise akaryo ko kwinjira muri AC Milan, n'aho mu ndwi iheze Chelsea yatangaje ko yamwongerereje uwundi mwaka mu masezerano afitaniye nayo. (Goal)

Barcelona yafashe ingingo yo kutadugiriza umushahara Georginio Wijnaldum w'imyaka 30, inyuma y'aho Paris St-Germain yemeye ko ishobora kuduza incuro zirenga zibiri ku mushahara yemerewe na Barca. Uyu mukinyi wo wo hagati akomoka mu Buholande, akaba afise uburenganzira bwo kwinjira mu murwi uwo ari wo wose ata kirinze gusabwa inyuma y'aho amasezerano afitaniye na Liverpool arangiriye, ariteguye gutera igikumu ku masezerano y'imyaka itatu na PSG. (Fabrizio Romano, Twitter)

Juventus ishobora gusubira kugerageza kurondera uwundi mukinyi asanzwe aronderwa na Barcelona, umunya Hollande Memphis Depay w'imyaka 27 akina imbere, akaba agiye kuva mu murwi Lyon ata kirinze gusabwa. (Mundo Deportivo)

Umumenyereza wa Atletico Madrid Diego Simeone yiteze gutera igikumu ku masezerano mashasha azomushikana mu 2024 - akaba yamaze gusaba ko uyu murwi watahukanye ihiganwa rya Espagne wogura umusatirizi wa Argentina Lautaro Martinez w'imyaka 23 asanzwe akina muri Inter Milan. (AS - in Spanish)

Borussia Monchengladbach ishobora kwemera imirwi yotanga imiriyoni 40 z'ama euro ku mukinyi asanzwe ariko araronderwa na Leicester City, umudagi Jonas Hofmann w'imyaka 28, ariko bikavugwa ko imirwi Tottenham, Chelsea na Atletico Madrid nayo nyene yoba imushaka. (Leicester Mercury)

Ibiganiro hagati ya Real Betis n'umunya Paraguay akina inyuma Fabian Balbuena w'imyaka 29 bigeze kure, mu gihe amasezerano afitaniye na West Ham, agiye kurangira. (Mundo Deportivo - in Spanish)

Vyitezwe ko muri iyi ndwi Tottenham yemeza igenwa ry'uwahoze amenyereza Juventus Fabio Paratici ngo ayibere umumenyereza mushasha, ni inyuma y'aho inaniriwe no kuzana Antonio Conte na we nyene yahoze amenyereza Juve na Inter Milan. (Mirror)

Muri iyi ndwi, Lazio ishobora kugena uwahoze amenyereza Juventus na Chelsea Maurizio Sarri, w'imyaka 62 ngo ayibere umumenyereza wayo mushasha. (Corriere dello Sport - in Italian)