Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indonésie : Abatabazi bariko bararondera abarokotse nyamugigima idasanzwe
- Umwanditsi, Emma Rossiter
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Imirwi y'abatabazi muri Indonesia iriko irarondera abarokotse inyuma y'uko nyamugigima idasanzwe ikubise muri ico gihugu ku wa gatandatu, ihitana abantu nimiburiburi 47.
Iyo nyamugigima y'uburemere bwa 7.7 yabaye kw'izinga ryitwa Flores mu masaha y'ubucagucagu, kandi ibera ku birometero 15 uja mu kuzimu, nk'uko vyatangajwe n'ikigo ca Indonesia kijejwe ivy'ibirere.
Ikigo c'igihugu gikurikirana ibijanye n'ibiza BNPB cavuze ko ivyegeranyo vya mbere vyerekana ko inzu zirenga 900 hamwe n'izindi nyubakwa amajana, zabomotse canke zirononekara.
Ariko, urugero nyarwo rw'ivyononekaye vyose ntiruramenyekana neza.
Ikigo BNPB cavuze ko izindi nyamugigima ntonto zatewe n'iyo ya mbere yari ikomeye cane zagiye zumvikana gushika mu burengero, ahitwa i Bima Regency no mu gisagara ca Bima. Ariko intara ya Manggarai ni imwe mu zagizweko ingaruka zikomeye kuruta izindi.
Amakuru y'ibanze yerekana ko abantu 24 bamaze kumenyekana ko bapfuye muri iyo ntara. Hagati aho, abantu 17 barapfuye mu ntara ya Manggarai y'Ubuseruko, batatu bapfa mu ntara ya Sikka, mu gihe nimiburiburi umuntu umwe yapfuye muri buri ntara ya Ngada, Ende na Manggarai y'Uburengero.
N'imiburiburi abandi bantu babiri barakomeretse bikomeye, mu gihe 11 bakomeretse bisanzwe.
BNPB cavuze ko abantu barenga 5,000 bakiri mu bibanza bahungishirijwemwo, kandi ko imfashanyo ziriko zirarungikwa mu burere bwasinzikaye.