Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Felix, Fernandez, Lampard, Bellingham, Mudryk, Ansu Fati

Yatangajwe

Manchester United iriteguye gutanga imiriyoni zine z’ama-euro kugira irabe ko yotizwa umusatirizi wa Atletico Madrid umunya-Portugal Joao Felix w’imyaka 23 mu gihe gisigaye c’uno mwaka w’inkino, ariko uyu murwi wo muri Espagne umushakako imiriyoni hagati ya 12 na 13 z’ama-euro. (Relevo – mu ki Espagnol)

Benfica yanse amahera ya mbere atangwa na Chelsea ku munya-Argentina akina hagati Enzo Fernandez w’imyaka 21. Aba Blues bashaka kumutangako imiriyoni 112 z’amapawundi mu kiringo c’imyaka itatu, ariko uyo murwi wo muri Portugal umukeneyeko imiriyoni 106 z’amapawundi yotangirwa rimwe yose. (Mail)

Chelsea iripfuza umunya-Equateur akina hagati Moises Caicedo w’imyaka 21 asanzwe akinira Brighton. (Ben Jacobs)

Real Madrid irizeye cane ko izotsinda urugamba rwo kurondera Umwongereza akina hagati Jude Bellingham w’imyaka 19 asanzwe akinira Borussia Dortmund. (Independent)

Umumenyereza wa Everton Frank Lampard azohagarikira urukino rw’uyo murwi aho uzoba uhura na Manchester United ku wa gatanu mu rukino rw’igikombe ca FA, mu gihe hari amakenga kuri kazoza kiwe i Goodison Park. (Guardian)

Aston Villa yanse amafaranga atangwa na Everton mu ntumbero yo kurondera umusatirizi w’umwongereza Danny Ings nk’ntizo. Uyu murwi ahubwo ushaka ko uyu mukinyi w’imyaka 30 agurwa burundu, mu gihe imirwi ya Bournemouth, Southampton na West Ham, imuraba ryiza. (Mail)

Everton iriteguye kurekura burundu umunya Mali akina hagati Abdoulaye Doucoure w’imyaka 30 muri kuno kwa mbere, mbere n’ibiganiro birabandanya hagati y’uyu murwi na Fulham. (Athletic) 

Shakhtar Donetsk vyitezwe ko yanka amafaranga atangwa na Arsenal y’imiriyoni 62 z’amapawundi mu rugamba rwo kurondera umunya-Ukraine akina ku ruhande Mykhailo Mudryk w’imyaka 22 kuri uno wa kane, mu gihe hari kandi ibiganiro na Chelsea. (Mail)

Chelsea irashaka gukubita hasi Arsenal mu gutanga amafaranga menshi kuri Mudryk kugira ngo aba-Gunners ntibahave bamutahukana. (Independent)

Wolves ntizi amakuru avuga ko Liverpool yoba yipfuza umunya-Portugal akina hagati Matheus Nunes narirya uyo murwi ubona ko uyu mukinyi w’imyaka 24 ari mu bakinyi ugenderako mu gihe kire kire ca kazoza. (90 Min)

Liverpool ntizorondera kugura Matheus Nunes asanzwe akinira Wolves muri kuno kwezi kubera amategeko ya FIFA  - uyu munya-Portugal akina hagati ntashobora gukina muri uno murwi umenyerezwa na Jurgen Klopp imbere y’uko uno mwaka w’inkino urangira inyuma yo kwimukira muri uyo murwi wa Molineux (Wolves) avuye muri Sporting Lisbon mu kwezi kw’umunani. (Express)

Umusatirizi wa Brezili Roberto Firmino aripfuzwa n’imirwi yo muri Arabia Saoudite, ariko uyu mukinyi wewe yipfuza kwongereza igihe c'amasezerano afitaniye na Liverpool mbere n’ibiganiro n’uyu murwi wiwe bikaba biriko birabandanya. (Sky Germany)

Leicester City yagiriraniye ibiganiro vy’intangamarara n’umurwi FC Copenhagen  kugira irabe ko yoronka umunya-Danemark  akina inyuma ku ruhande rw’ibubamfu Victor Kristiansen w’imyaka 20, uyu murwi ukaba ushobora kwemera ikiguzi ca mbere gitangwa kiri hagati y’imiriyoni zitanu n’umunani z’amapawundi. (Telegraph)

Southampton iri mu biganiro n’abaserukira Nicolas Jackson asanzwe akinira Villarreal kugira irabe ko yotizwa uyu munya-Senegal w’imyaka 21 akina hagati, harimwo n’uko yoshobora no kumugura mu ci. (Athletic)

Barcelona yiteze kuronka umukinyi w’inyuma-Espagne Inigo Martinez w’imyaka 31 mu ci riza igihe amasezerano afitaniye na Athletic Bilbao azoba arangiye. (Sport)

Umusatirizi wa Espagne Ansu Fati w’imyaka 20 ashobora gutizwa mu gihe umurwi wiwe Barcelona uriko ushaka kurondera ikibanza c’abandi bakinyi wipfuza kugura muri kuno kwa mbere. (Fichajes – mu ki Espagnol)