Ayavugwa mu mupira w'amaguru kuri uno wa gatandatu: Messi, Ramos, Smalling, Thuram

Yatangajwe

Umusatirizi wa Paris St-Germain na Argentina Lionel Messi ariko araraba ko yozosubira mu murwi w'ubwana bwiwe wa Newell's Old Boys. (UOL, iciye kuri Mirror)

Umusatirizi wa Chelsea na Portugal Joao Felix w'imyaka 23 ariko araraba ingene amasezerano y'intizo yatumye Atletico Madrid imutiza yohinduka akimukira burundu muri uno murwi wo mu Bwongereza mu ci riza. (Fijaches - mu ki Espagnol )

Arsenal yatanguye ibiganiro n'umukinyi w'inyuma wayo, umufaransa William Saliba w'imyaka 21, kugira ngo imuhe amasezerano mashasha. (Football Insider)

Al Nassr yatanguye kuvugana n'abaserukizi b'umukinyi w'inyuma wa Paris St-Germain Sergio Ramos yahoze anakinira umurwi nserukiragihugu wa Espagne kugira ngo irabe ko yomuronka mu ci riza. (Marca - mu ki Espagnol )

Umukinyi wo hagati wa Inter Milan Nicolo Barella ari ku rutonde rw'abakinyi bashobora kuronderwa na Liverpool mu ci riza, ba maneko b'uyu murwi wa Anfield bakaba babandanya bakurikirana uyu mutaliyano w'imyaka 26. (Gazzetta dello Sport - mu gitaliyano)

Liverpool iripfuza umukinyi wo hagati wa Bayern Munich umunya-Hollande Ryan Gravenberch w'imyaka 20, kugira ngo aze akinane n'umwongereza akina muri Borussia Dortmund, Jude Bellingham w'imyaka19. (Express)

Nyen'umurwi wa Chelsea Todd Boehly ariko arihweza nimba yogura umurwi Strasbourg wo mw'ihiganwa ry'Ubufaranfa Ligue 1 . (L'Equipe)

Liverpool, Newcastle, Tottenham na West Ham iri mu mirwi ya Premier League iriko irakurikiranira hagufi umukinyi wo hagati wa Mainz Umudagi Anton Stach w'imyaka 24. (90min)

Umufaransa akina hagati Marcus Thuram, amasezerano yiwe afitaniye na Borussia Monchengladbach azorangira mu ci riza, yemerewe umurwi wa Barcelona, mu gihe imirwi ya Atletico Madrid, Chelsea, Inter Milan, Manchester United na PSG nayo nyene isanzwe iriko irarondera uyu mukinyi w'imyaka 25. (Mundo Deportivo - mu ki Espagnol)

Umukinyi wo hagati asanzwe aronderwa na Newcastle yateye igikumu ku masezerano mashasha na Flamengo, ikaba yari yaranse amafaranga yatangwa n'aba ba Magpies yangana n'imiriyoni £17.5 z'amapawundi kuri uno mukinyi wa Brezili w'imyaka 18 mu kwa mbere. (Sun)

Fulham, Everton, Leicester na West Ham iripfuza umukinyi w'inyuma wa Roma Umwongereza Chris Smalling w'imyaka 33. (90min)

Newcastle United iriko irategura kwegera umukinyi w'inyuma wa Wolves umwongereza Max Kilman w'imyaka 25 kugira ngo irabe ko yomuronka mu ci riza. (Football Insider)

Brezili ishobora kurondera Luis Enrique yahoze amenyereza Espagne na Barcelona kugira ngo asubirire Tite aho kurondera umumenyereza wa Real Madrid umutaliyano Carlo Ancelotti. (Fijaches - mu ki Espagnol)

Umukinyi w'inyuma wa Arsenal, umunya-Portugal Nuno Tavares w'imyaka 23 avuga ko azosubira muri uno murwi wiwe mu mpera z'uno mwaka w'inkino igihe ikiringo ciwe kizoba kirangiye muri Marseille iyo yatijijwe. (Goal)