Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Kane, Rodriguez, Traore, Romero, Zouma, Lookman
Manchester City ishobora guhagarika urugamba rwo kurondera wa musatirizi wa Tottenham Harry Kane w'imyaka 27, mu gihe yoramuka ironse umwongereza mugenziwe Jack Grealish w'imyaka 25 asanzwe akina muri Aston Villa. (Manchester Evening News)
Umukinyi wo hagati, umunya Colombia James Rodriguez w'imyaka 30 yabwiwe ko atari mu nteguro ya Rafael Benitez, umumenyereza wa Everton akaba afise uburenganzira bwo kwigira mu gihe hoboneka umurwi umwipfuza ukemera gutanga igiciro gisabwa kuri we. (Liverpool Echo)
Atletico Madrid iri imbere ya Arsenal mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Inter Milan umunya Argentina Lautaro Martinez w'imyaka 23, igiciro ciwe kikaba kingana n'imiriyoni 90 z'ama Euros. (Tuttosport - in Italian)
Inter Milan yanse icipfuzo ca Arsenal c'uko, hampande y'amafaranga ishaka gutanga, yoshirako umukinyi w'inyuma wa Espagne Hector Bellerin w'imyaka 26, canke umusatirizi w'umufaransa Alexandre Lacazette w'imyaka 30 kugira ngo irabe ko yoronka Martinez. (Gazzetta dello Sport, via Metro)
Atalanta yemeye kwakira imiriyoni hafi 60 z'amadorari y'abanyamerika zitangwa na Tottenham ku mukinyi w'inyuma w'umunya Argentina Cristian Romero w'imyaka 23. (Talksport)
Leeds United iripfuza umukinyi wa Wolves wo ku ruhande, umunya Espagne Adama Troare w'imyaka 25, ari ku giciro c'imiriyoni hafi 42 z'amadorari y'abanyamerika. (Goal)
Tottenham, ubu umenyerezwa n'uwahoze amenyereza Wolves Nuno Espirito Santo, nayo nyene iriko iraraba ko yogura Traore. (Mail)
Umumenyereza wa Bayern Munich Julian Nagelsmann avuga ko yizeye y'uko umuminyi wayo wo hagati umudagi Leon Goretzka w'imyaka 26 amaze igihe avugwa ko aronderwa na Manchester United, azoshobora gutera igikumu ku masezerano mashasha yomutuma abandanya akinira uwu murwi wabaye uwa mbere mw'ihiganwa ry'Ubudagi Bundesliga. (Metro)
Umusatirizi w'umufaransa Karim Benzema w'imyaka 33 yiteze gutera igikumu ku masezerano mashasha yo kwongerezako umwaka umwe ku yo afinatiye n'umurwi wiwe Real Madrid, ibizomutuma abandanya akinira uwu murwi gushika mu 2023. (ABC - in Spanish)
West Ham iracabandanya ibiganiro na Chelsea ku mukinyi w'inyuma w'umufaransa Kurt Zouma w'imyaka 26, ariko biracagoranye ko bashika ku masezerano, ikabona ko vyanse ishobora guca ihindukirira umunya Serbia akina muri Fiorentina, Nikola Milenkovic. (Sky Sports)
Umumenyereza wa Chelsea Thomas Tuchel avuga ko kazoza k'umwongereza akina hagati Ruben Loftus-Cheek w'imyaka 25 muri uwo murwi kari mu minwe y'uyu mukinyi we nyene. (Eurosport)
Crystal Palace iriko irarondera ko RB Leipzig yoyitizaumusatirizi w' umwongereza Ademola Lookman w'imyaka 23, ariko rero ishobora kumurwanira na Burnley hamwe na Watford. (Sun)
Umuserukizi w'umukinyi w'inyuma Davinson Sanchez wa Tottenham yagiranye ibiganiro na Sevilla, uyu munya Colombia w'imyaka 25 akaboneka ko ashobora gusubirira umufaransa Jules Kounde w'imyaka 22 ariko araronderwa na Chelsea. (Caracol Radio via Mail)
Wolves ivuga ko yipfuza kugura umukinyi wo hagati wa Juventus unumya Pays de Galles/Wales Aaron Ramsey w'imyaka 30 n'aho yumva umengo ntashaka kwimukira muri uwo murwi wo mu Bwongereza. (Calciomercato - Italian)
Sheffield United irashaka ko Manchester United iyitiza umwongereza akina hagati James Garner w'imyaka 20. (Sun)
Burnley na Watford irahanganye bikomeye mu rugamba rwo kurondera umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'ububamfu wumurwi wo muri Ecosse/Scotland, Hibernian, umunya Ecposse Josh Doig w'imyaka 19 ari ku giciro c'imiriyoni 5.5 z'amadorari y'abanyamerika. (Mail)
Southampton iriko iragurisha umusatirizi wa Ireland Michael Obafemi w'imyaka 21, ku giciro c'imiriyoni zababa umunani, Blackburn ikaba imwipfuza. (Sun)