Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Pogba, Chiesa, Correa, Martial, Werner, Griezmann, Ronaldo
Juventus yanse imiriyoni zirenga 118 zatanzwe na Liverpool ku mutaliyano akina ku ruhande Federico Chiesa. Uyu mukinyi w'imyaka 23 yinjiye muri Juventus ku masezerano y'intizo yo mu kwa cumi 2020 imbere y'uko imugura burundu avuye muri Fiorentina.(Repubblica)
Arsenal, Tottenham na Everton yose iriko irarondera umusatirizi wa Argentina Joaquin Correa w'imyaka 26 yiteze kuva mu murwi wiwe Lazio muri rino ci. (Corriere dello Sport)
Manchester United ishobora kugurisha umusatirizi w'umufaransa Anthony Martial w'imyaka 25 muri Tottenham isanzwe imwipfuza. (Star)
Umumenyereza wa Man U Ole Gunnar Solskjaer ashaka ko Paul Pogba w'imyaka 28 aguma Old Trafford n'aho Paris St-Germain imwipfuza. (Manchester Evening News)
Bayern Munich iripfuza umusatirizi wa Chelsea umudagi Timo Werner w'imyaka 25 , na rirya uwahoze ari umumenyereza wiwe muri RB Leipzig, Julian Nagelsmann, ubu ari we amenyereza uyo murwi uherutse gutahukana ihiganwa ry'Ubudagi Bundesliga. (Football Insider)
Manchester City iriteguye kudugiriza umushahara incuro zibiri umukinyi wayo w'inyuma, umunya Portugal Ruben Dias w'imyaka 24 kubera ingene yavyifashemwo neza mw'ihiganwa ry'umwaka w'inkino uheze wa 2020-21. (Star)
Umusatirizi w'umufaransa Antoine Griezmann w'imyaka 30 abona ko kugira ngo ave muri Barcelona ari uko yoronka akaryo ko gusubira mri Atletico Madrid yahoze akinira. (Sport)
Umukinyi wo hagati aherutse kwinjira muri PSG umunya Hollande Georginio Wijnaldum w'imyaka 30 avuga ko atumva ko yari akunzwe kandi ko bamutyoza ku mbuga hwaniro imbere y'uko ava muri Liverpool mu kwa gatandatu guheze. (Observer)
Icegera c'umukuru wa Juventus Pavel Nedved avuga ko umusatirizi wa Portugal Cristiano Ronaldo w'imyaka 36 azoguma muri uwo murwi. Ronaldo asigaje umwaka umwe mu masezerano afitaniye n'uyu murwi wa Serie A akaba yavugwa ko yashobora kuwusezera. (Sky Sports Italia, via Football Italia)
Kizegenza w'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza Harry Kane w'imyaka 27 yiteze gutakaza inkino za mbere za Premier League kubera inguvu nyinshi cane yakoresheje mw'ihiganwa ry'igikombe ca Bulaya. Uyu musatirizi wa Tottenham aripfuza kwimukira muri Manchester City.(Telegraph)
Arsenal yiteze kwemeza igurwa ry'umukinyi w'inyuma wa Brighton Ben White w'imyaka 23 ku giciro c'imiriyoni hafi 69 z'amadorari y'abanyamerika, akaba iteze gukorerwa ibipimo vyo kwa muganga vuba. (Mail)
Aba Gunners kndi bariko bararaba ingene bogura umukinyi wo hagati w'umuswisi Denis Zakaria w'imyaka 24 yamaze gushikiriza ko yipfuza gusezera Borussia Monchengladbach. (Mirror)
Crystal Palace iri hafi yo kuronka umukinyi w'inyuma wa Lyon umunya Danemark Joachim Andersen w'imyaka 25 ku miriyoni zababa 27 z'amadorari y'abanyamerika, kandi irabandanya n'ibiganiro vyo kurondera umukinyi w'inyuma wa Schalke umunya Turukiya Ozan Kabak w'imyaka 21. (Mail)