Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Haaland, Lukaku, Grealish, Kane, Pogba, Mbappe, Camavinga

Yatangajwe

Chelsea iriteguye gutanga igifovya c'imiriyoni hafi 179 z'amadorari y'abanyamerika kugira ngo ironke umusatirizi w'umurwi Borussia Dortmund umunya Norvège Erling Braut Haaland w'imyaka 22, inyuma y'aho mweneyo Roman Abramovich, atangiye uburenganzira bwo kurondera uyu mukinyi ashobora kuba uwa mbere aguzwe amafaranga menshi muri kahise kayo. (Football Insider)

Inter Milan iriko irasaba umurwi Chelsea imiriyoni hafi 141 z'amadorari y'abanyamerika kugira ngo iwuhe umusatirizi w'umubirigi Romelu Lukaku w'imyaka 28, mu gihe aba Blues bonanirwa no kugura Haaland. (Metro)

Manchester City yashitse ku masezerano na Jack Grealish ikaba yiteze guha umurwi Aston Villa imiriyoni hafi 124 y'amadorari y'abanyamerika kugira ngo uyihe uyu mukinyi wo hagati w'umwongereza w'imyaka 25. (Football Insider)

Manchester City ivuga ko amakuru avuga ko yoba yashitse ku masezerano n'umurwi Tottenham y'imiriyoni 220 y'amadorari y'abanyamerika kugira uyihe umusatirizi Harry Kane ari ubuswaganyi. (Manchester Evening News)

Tottenham ibandanya ishimangira ko ata mugambi ifise wo kugurisha uyu kizigenza w'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza w'imyaka 27 muri rino ci. (Football London)

Ni mugihe Kane abandanya agira icizere ko Tottenham ishobora kumuha uburenganzira bwo kugenda. (Times)

Manchester City yemeranije na Kane ko ishobora kumuhemba umushahara w'ibihumbi 481 vy'amadorari y'abanyamerika ku ndwi kandi ko yiteguye kumutangako imiriyoni zshika 165 z'amadorari y'abanyamerika. (Star)

Manchester United iriteze ko muri rino ci umurwi Paris St-Germain uyisaba umukinyi wo hagati umufaransa Paul Pogba w'imyaka 28. (Telegraph)

Umusatirizi w'umufaransa Kylian Mbappe w'imyaka 22, yabwiye PSG ko atiteze gutera igikumu ku yandi masezerano yomutuma abandanya ayikinira, mu gihe ayo asanzwe afitaniye nayo azorangira mu 2022, akaba yipfuza kuva muri uwu murwi muri rino ci canke iryo mu mwaka uza. (AS - in Spanish)

Umukinyi wo hagati wa Rennes umufaransa Eduardo Camavinga ashaka ko yokwimukira muri Espagne inyuma y'aho ibiganiro hagati ya Manchester United n'abaserukizi b'uyu mukinyi w'imyaka 18 bibonekeye ko ata cizere biriko biratanga. (Manchester Evening News)

Barcelona ifise icizere ko, mu gihe umusatirizi wa Portugal Cristiano Ronaldo w'imyaka 36 yova muri Juventus muri rino ci, ko uwu murwi wo mu Butaliyano ushobora kurondera umusatirizi w'umufaransa Antoine Griezmann w'imyaka 30 ku masezerano y'intizo, ashobora kujamwo n'ikigabane co gushobora kumugura. (Sport - in Spanish)

Umukuru wa Barca Joan Laporta avuga ko uwu murwi "ukeneye cane Antoine" ariko ko "Griezmann ari kw'isoko" kandi ko uwu murwi wa Espagne witeguye kwumviriza umurwi uwo ari wo wose womurondera. (Goal)

Arsenal nta yandi masezerano izoha umusatirizi w'umufaransa Alexandre Lacazette w'imyaka 30 ikaba iriko imuronderako imiriyoni zababa 20 z'amadorari y'abanyamerika kugira ngo ziyifashe mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Chelsea Tammy Abraham w'imyaka 23. (Sun)

Umumenyereza wa Newcastle United Steve Bruce arashimangira ko uwu murwi wipfuza cane kugura umukinyi wo hagti wa Arsenal umwongereza Joe Willock w'imyaka 21, ariko ko aba ba Magpies barindiriye ko aba Gunners na Willock bafata ingingo kuri kazoza kiwe. (Sky Sports)

Umumenyereza wa Rangers Steven Gerrard w'imyaka 41 yahoze ari kizigenza wa Liverpool, avuga ko yatangajwe kandi ko yakubiswe n'inkuba igihe yumva amakuru yavuga ko yari gushobora kuba umumenyereza wa Everton imbere y'igenwa rya Rafael Benitez. akavuga ko ivyo ata biri mu migambi. (ESPN)

Liverpool iriko iraraba ingene yoha ayandi masezerano umusatirizi wayo, umunya Misiri Mohamed Salah w'imyaka 29 mu misi mike iri imbere, mu gihe ayo ifitaniye na we azorangira mu ci ryo mu 2023. (Liverpool Echo)

Fulham iri hafi yo kuronka umukinyi wo ku ruhande wa Liverpool umunya Pays de Galles Harry Wilson w'imyaka 24 mu miriyoni hafi 14 z'amadorari y'abanyamerika. (Sun)

Bayer Leverkusen yanse igiciro ca miriyoni 41 z'amadorari y'abanyamerika catanzwe na Aston Villa ku mukinyi wo ku ruhande umunya Jamaica Leon Bailey w'imyaka 23. (Football Insider)

Umusatirizi wa Manchester City umunya Brésil Gabriel Jesus w'imyaka 24 ari ku rutonde rw'abaronderwa cane na Juventus muri rino ci. (Calciomercator - in Italian)

Juve kandi iriteguye gusubira kugerageza kurondera umukinyi wo hagati wa Sassuolo umutaliyano Manuel Locatelli w'imyaka 23. (Mail)

Umuserukizi w'umusatirizi wa Argentina Paulo Dybala w'imyaka 27 yiteze kuvugana na Juventus ku bijanye n'amasezerano mashasha, m ugihe asigaje umwaka umwe gusa muri uwo murwi wo mw'ihiganwa Serie A ryo mu Butaliyano. (Calciomercato - in Italian)