Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Saul, Locatelli, Haaland, Hudson-Odoi, Coman, Jesus, Ronaldo

Yatangajwe

Nta gishasha ku bijanye n'ivya Saul Niguez vyo kuva muri Atletico Madrid akaja muri Barcelona, umuserukizi w'uyu mukinyi w'umunya Espagne w'imyaka 26 akaba ariko aravugana n'imirwi itari mike, harimwo Liverpool na Manchester United ashobora kwimukiramwo. (AS - in Spanish)

Arsenal irashaka kuriha Sassuolo imiriyoni hafi 47 z'amadorari y'abanyamerika zisabwa ku mukinyi wo hagati, umutaliyano Manuel Locatelli w'imyaka 23. (Fabrizio Romano via Sun)

Chelsea "ntirota irekura" mu rugamba rwo kurondera wa musatirizi wa Borussia Dortmund umunya Norvège Erling Braut Haaland w'imyaka 20, n'aho bivugwa ko amahirwe ari make. (Sky Germany - in German)

Aba Blues kandi bemeye gutanga umwongereza akina ku ruhande Callum Hudson-Odoi w'imyaka 20 kuri Bayern Munich kugira ngo uyu murwi wo mu Budagi nawo ushobore kumuha umufaransa na we nyene akina ku ruhande Kingsley Coman w'imyaka 25. (L'Equipe - in French)

Arsenal yinjiye mu rugamba rwo kurondera umukinyi w'inyuma wa Norwich umwongereza Max Aarons w'imyaka 21- asanzwe kandi arabwa ryiza na Bayern Munich - aba Gunners bakaba barondera uwushobora gusubirira umunya Espagne Hector Bellerin w'imyaka 26. (Express)

Everton iri hafi yo gushika ku masezerano yo kugura umwongereza akina ku ruhande Andros Townsend w'imyaka 30 asanzwe afise uburenganzira bwo kwigira mu murwi uwo ari wo wose ata gisabwe inyuma y'aho aviriye muri Crystal Palace.

Aho rero agashobora kuba umukinyi wa mbere aguzwe n'umumenyereza Rafael Benitez w'aba Toffees. Uyu murwi kandi uriko urarondera umukinyi wo ku ruhande wa Bayer Leverkusen umwongereza Demarai Gray w'imyaka 25. (Mirror)

Everton kandi ni umwe mu mirwi ibiri, iri kumwe n'umukeba wayo wa Premier League West Ham, imaze kwegera Barcelona kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi wayo w'inyuma, umufaransa Clement Lenglet w'imyaka 26. (AS - in Spanish)

Juventus itegerezwa gutanga imiriyoni 59 z'amadorari y'abanyamerika kugira ngo ishobore kuronka umusatirizi wa Brésil Gabriel Jesus akina muri Manchester City.

Uyu mukinyi w'imyaka 24 asanzwe asigaje imyaka ibiri mu masezerano afitaniye n'umurwi wiwe ari mu baronderwa cane n'uyu murwi wo mw'ihiganwa ry'Ubutaliyano Serie A. (Calciomercato - in Italian)

Juventus iriko kandi irarondera ingene yokwegera umurwi wo mu Bufaransa Paris St-Germain kugira ngo irabe ingene woyitiza umunya Argentina akina hagati Leandro Paredes w'imyaka 27 kugira ngo akine mu kibanza c'umunya Brésil Arthur Melo w'imyaka 24 yavunitse. (La Repubblica via Football Italia)

Barcelona irarondera umukinyi wo hagati wa Lille umunya Portugal Renato Sanches nk'intizo, ariko kandi ikanashobora kumugura mu gihe yomugomwa.

Uyu mukinyi w'imyaka 23 ari ku giciro c'imiriyoni 41 z'amadorari y'abanyamerika, igiciro Barcelona idashobora kwemera. (AS - in Spanish)

Barca ishobora kandi kwima ikibanza Philippe Coutinho mu murwi mukuru mu gihe yoyanirwa no kugurisha uyu mukinyi akina hagati wa Bresil muri rino ci. (AS - in Spanish)

Brighton iripfuza umusatirizi wa Barcelona umunya Danemark Martin Braithwaite w'imyaka 30, asanzwe kandi aronderwa na Wolves hamwe na West Ham. (Sport - in Spanish).

Christiano Ronaldo yanditse kuri Instagram ati "umunsi w'icemezo" haciye umusi ikinyamakuru l'Equipe cari cavuze ko umunye-Argentine Mauro Icardi w'imyaka 28, ivyo kuva muri PSG aja muri Juventus bizovana n'uko Ronaldo w'imyaka 36, azoba avuye muri Juventus. (AS - in Spanish)

Manchester United ni wo murwi Kieran Trippier yipfuza kwimukiramwo ariko Atletico Madrid iriko ikora ibishoboka vyose kugira ngo igumane uyu mwongereza w'imyaka 30 akina inyuma ku ruhande rw'iburyo. (AS - in Spanish)

Umumenyereza wa Manchester United Ole Gunnar Solskjaer avuga ko umukinyi wayo wo hagati, umwongereza Jesse Lingard w'imyaka 28 muri kino gihe ari mu bakinyi bazokoreshwa, inyuma y'umwaka wose yari amaze akina muri West Ham kandi akaba yaravyifashemwo neza. (Manchester Evening News)

Arsenal iriko irarondera kugurisha umusatirizi w'umufaransa striker Alexandre Lacazette w'imyaka 30, mu ntumbero yo kurondera amahera yo kugura abandi bakinyi muri rino ci. (Mirror)

Bayern Munich iripfuza kugurisha umufaransa akina hagati Corentin Tolisso ku miriyoni hafi 24 z'amadorari y'abanyamerika.

Uyu mukinyi w'imyaka 26 asanzwe kandi arabwa ryiza na Juventus hamwe na Napoli, ni mu gihe asigaranye umwaka umwe gusa mu masezerano afitaniye n'uyu murwi wa Bundesliga watsindiye iri higanwa. (L'Equipe via Get French Football News)

Umufaransa akina ku ruhande Thomas Robert, umuhungu w'uwahoze akina ku ruhande muri Newcastle Laurent Robert, ariko yimenyereza mu murwi Burnley mu gihe uyu mukinyi w'imyaka 20 yizeye ko ashobora kwinjira muri uyo murwi ku ruhande rw'abatarenza imyaka 23. (Sun)

Burnley iriteguye kuronka umunyegori w'umunya Pays de Galles/Wales Wayne Hennessey ataco irinze gutanga inyuma y'aho uyu mukinyi w'imyaka 34 aviriye muri Crystal Palace kubera amasezerano yari afitaniye nayo yari arangiye. (Mail)

Newcastle United yemeye kugurisha umufaransa akina inyuma Florian Lejeune w'imyaka 30 kuri Alaves, akaba yari amaze umwaka wose akina muri uyu murwi wa Espagne aho yari yaratijijwe. (Chronicle)