Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Trippier, Koulibaly, Barella, Areola, Griezmann, Bellerin, Tielemans

Yatangajwe

Umukinyi w'inyuma w'Ubwongereza na Atletico Madrid Kieran Trippier w'imyaka 30 aripfuza gusubira muri Premier League ubu akaba arindiriye kwimukira muri Manchester United. (Telegraph - subscription needed)

Everton yatanguye kuvugana n'umukinyi w'inyuma wa Napoli umunya Senegal Kalidou Koulibaly w'imyaka 30, akaba avugwa ko ari umwe mu baronderwa cane n'umumenyereza mushasha Rafa Benitez . (Calciomercato)

Liverpool ivugwa ko iriko irategura igifovya c'amadorari hafi 83 z'amadorari y'abanyamerika kugira ngo ishobore kugura umukinyi wo hagati wa Inter Milan n'umurwi nserukiragihugu w'Ubutaliyano uherutse gutahukana Euro 2020 , Nicolo Barella w'imyaka 24. (La Repubblica)

Liverpool ishobora gutanga Divock Origi canke Xherdan Shaqiri kugira ngo ishobore kuronka Saul Niguez akina muri Atletico Madrid. (Daily Express)

Chelsea irashaka guha Borussia Dortmund umusatirizi w'umwongereza Tammy Abraham w'imyaka 23 mu masezerano yoyishoboza kugura umusatirizi wa Norvege Erling Braut Haaland w'imyaka 20. (Mirror)

West Ham iri hafi yo gushika ku masezerano y'intizo, ariko igashobora no kuzogura umunyegori wa Paris St-Germain umufaransa Alphonse Areola w'imyaka 28. (Evening Standard)

Umukinyi w'inyuma wa Arsenal umunya Espagne Hector Bellerin ntarashobora kwumvikana na Inter Milan n'aho ari wo murwi uhabwa amahirwe menshi yo gutahukakana uyu mukinyi w'imyaka 26. (Football.london)

Hagati aho, umukinyi wo hagati w'aba ba Gunners Joe Willock w'imyaka 21 avugwa ko yoba yabwiye uwu murwi wiwe ko yipfuza gusubira muri Newcastle nk'intizo mu kiringo w'uwundi mwaka w'inkino buca utangura. (Daily Express)

Ariko, umumenyereza wa Arsenal Mikel Arteta avuga ko Emile Smith Rowe adashobora kugurishwa muri rino ci n'aho Aston Villa ivugwa ko imushaka cane. (HITC)

Leicester City yagiriraniye amasezerano mashasha y'igihe kirekire n'umubirigi Youri Tielemans w'imyaka 24, kandi ifise icizere ko uyu mukinyi wo hagati azoguma muri uyu murwi n'aho Liverpool imwipfuza. (Telegraph - subscription needed)

Hagati aho, umunyegori wa Liverpool Alisson ari hafi yo gutera igikumu ku masezerano mashasha n'uyu murwi. (HITC via Here We Go Podcast)

Barcelona isa n'iyamaze gushika ku masezerano yo kurungika umusatirizi wayo w'umufaransa Antoine Griezmann w'imyaka 30 mu murwi wa Atletico Madrid yahoze akinira, maze nawo ukayiha umukinyi wo hagati, umunnya Espagne Saul Niguez w'imyaka 26. (Mail)

Tottenham ni umwe mu mirwi ine ya Premier League yipfuza kugura umusatirizi wa Schalke, umunyamerika Matthew Hoppe w'imyaka 20 yashoboye kwinjiza ibitsindo bitandatu muri uyu murwi wo mw'ihiganwa Bundesliga ry'Ubudagi mu mwaka w'inkino urangiye. (The Boot Room)

Umukinyi w'inyuma Brandon Williams w'imyaka 20, bishobora kunanirana ko atizwa mu murwi Southampton kubera amafaranga asabwa n'umurwi wiwe wa Manchester United. (talkSPORT)

Umumenyereza wa Roma Jose Mourinho ashobora kwerekeza amaso i Old Trafford mu ntumbero yo gukomeza umurwi wiwe, uyu yahoze amenyereza Man United akaba ariko araraba ingene yoronka umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'ibubamfi, umunya Brésil Alex Telles w'imyaka 28, kugira ngo ashobore gusubirira Leonardo Spinazzola aherutse kuvunika. (Daily Star)

Arsenal iboneka ko idashobora kuronka umusatirizi wa PSV Eindhoven, umunya Hollande Donyell Malen w'imyaka 22, inyuma y'aho yemereye ko ashobora kwimukira muri Borussia Dortmund kugira ngo asubirire Jadon Sancho. (Just Arsenal via Sports Bild)

Tottenham iri hafi yo kugura umukinyi w'inyuma wa Bologna, umuyapani Takehiro Tomiyasu w'imyaka 22 ku giciro gishobora kwababa imiriyoni 20 z'amadorari y'abanyamerika hariko n'utundi turusho. (The Athletic - subscription needed)

Umukinyi wo hagati aronderwa na Newcastle umufaransa Boubacar Kamara w'imyaka 21 yanse gutera igikumu ku yandi masezerano n'umurwi wiwe wa Marseille. Aba Magpies bashobora kuba bariko bararondera kuzana uyu mukinyi ku miriyoni yababa 20 y'amadorari y'abanyamerika. (HITC via Alfredo Pedulla)

Leeds United ihanganye n'umurwi utavuzwe izina wa Premier League, hamwe n'uwundi wo muri La Liga muri Espagne, mu rugamba rwo kurondera umunyegori wa Norvège Kristoffer Klaesson w'imyaka 20 asanzwe asamira Valerenga wo muri Norvège. (Mirror)