Ayavugwa mu mupira w'amaguru kuri uyu wa Mungu: Zidane, Ancelotti, Messi, Pogba, Holgate, Koulibaly

Yatangajwe

Umumenyereza wa Real Madrid Zinedine Zidane yabwiye abakinyi biwe ko azova muri uyu murwi mu mpera z'ihiganwa ry'uwu mwaka. (Goal)

Umumenyereza wa Everton Carlo Ancelotti n'uwahoze amenyereza Juventus Massimiliano Allegri ni bamwe mu bariko barihwezwa ko bosubirira Zidane mu gihe yova muri uyu murwi. (Sunday Mirror)

Manchester City yabwiwe ko ishobora kugura umusatirizi wa Barcelona umunya Argentina Lionel Messi w'imyaa 33, mu gihe yokwemera kumuhemba ibihumbi 500 vy'ama pawundi ku ndwi ata makori arimwo, ni ukuvuga ibihumbi birenga 700 vy'amadorari y'abanyamerika. (Sun on Sunday)

Manchester United irashaka ko umukinyi wo hagati umufaransa Paul Pogba w'imyaka 28 asinya ayandi masezerano ariko ikagira ubwoba ku mushahara umuserukizi wiwe Mino Raiola, ariko aramuronderera. (Sunday Mirror)

Everton iriteguye kugurisha umukinyi w'inyuma w'umwongereza Mason Holgate w'imyaka 24 kugira ngo ishobore kwegeranya amafaranga yo kugura umukinyi w'inyuma w'umunya Senegal Kalidou Koulibaly w'imyaka 29 asanzwe akina muri Napoli. (Football Insider)

Umukinyi w'imbere wa Lyon umunya Hollande Memphis Depay w'imyaka 27 ari hafi yo kwinjira muri Barcelona. (L'Equipe - in French)

Umusatirizi wa Pologne Robert Lewandowski w'imyaka 32 ariko akurikiranirwa hafi na Paris St-Germain kugira ngo imucakire mu gihe yofata ingingo yo kuva muri Bayern Munich. (L'Equipe - in French)

Liverpool nta mugambi ifise wo kugura umukinyi w'inyuma, umunya Turukiya Ozan Kabak ngo imugumane burundu mu ci riza. Uyu mukinyi w'imyaka 21 yagiye muri uyu murwi mu kwa kabiri uno mwaka ku ntizo avuye muri Schalke. (Sun on Sunday)

Arsenal ifise icizere ko ishobora gutsinda Manchester City, mu rugamba rwo kurondera umwongereza akina ku ruhande rw'inyuma i bubamfu, Ryan Bertrand w'imyaka 31, yiteze kuva muri Southampton mu gihe amasezerano afitaniye nayo azoba arangiye mu mpera z'ihiganwa ry'uwu mwaka. (Mail on Sunday)

Newcastle iriko irakurikiranira hagufi umukinyi w'imbere wa Leeds na Pays de Galles (Wales) Tyler Roberts w'imyaka 22. (Football Insider)

West Ham niyo ifise amahirwe menshi yo kuronka umunyegori wa West Brom umwongereza Sam Johnstone w'imyaka 28 asanzwe kandi ariko aronderwa na Tottenham. (Football Insider)

Mu gihe atorohewe na gato, umumenyereza wa Barcelona Ronald Koeman yabonanye n'umukuru w'uyu murwi Joan Laporta, akavuga ko bazosubira kubonana mu mpera z'ihiganwa ry'uwu mwaka. (Goal)

Villarreal irafise amahirwe yo kugura umukinyi w'inyuma wa Barcelona umunya Bresil Emerson w'imyaka 22 asanzwe yaratijijwe muri Real Betis. (Mundo Deportivo - in Spanish)

Real Madrid iripfuza kugura umuminyi wo hagati w'umufaransa Eduardo Camavinga asanzwe akina muri Rennes, ariko Arsenal na yo nyene ikaba yipfuza uyu mukinyi w'imyaka 18. (Marca)

Bayern Munich na Borussia Dortmund iriko irakurikirana umuminyi w'imbere wa Sheffield United umwongereza yamuka muri Canada Daniel Jebbison w'imyaka 17 asanzwe akina mu murwi nserukiragihugu w'abatarenza imyaka 18. (90 Min)