Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Aguero, Pogba, Salah, Ramos, Van de Beek, Bissouma,Abraham
Everton yahambije Chelsea, Leeds United, Tottenham, Barcelona na Inter Milan mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Argentina Sergio Aguero, ni mu gihe amasezerano afitaniye na Manchester City azorangira mu ci riza akazoshobora kuja aho ashatse atagisabwe. (Star on Sunday)
Manchester United iriteguye kugurisha umukinyi wo hagati, Umufaransa Paul Pogba mu ci riza mu gihe uyu mukinyi w'imyaka 28 atoshaka kugiriranira ayandi masezerano n'uyu murwi. (Sun on Sunday)
Umusatirizi wa Misiri, Mohamed Salah, avuga ko gushika ubu Liverpool ataco iravuga ko bijanye n'uko yohabwa ayandi masezerano kugira abandanye akinira uyu murwi, ni mu gihe amasezerano uyu mukinyi w'imyaka 28 asanzwe afitaniye nawo azorangira mu ci rya 2023. (Sky Sports)
Manchester United irarahira ikarengwa ko idashobora kwemera kugurisha mu ci riza umukinyi wayo wo hagati, umunya Hollande Donny van de Beek w'imyaka 24. (Sun on Sunday)
Arsenal irizeye ko ishobora kuronka umukinyi wo hagati wa Brighton umunya Mali Yves Bissouma w'imyaka 24 ku miriyoni zababa 40 z'amadorari y'abanyamerika. (Star on Sunday)
AC Milan iriko irakurikiranira hagufi umusatirizi wa Chelsea, Umwongereza Tammy Abraham w'imyaka 23 asanzwe kandi ariko araronderwa na West Ham. (Standard)
Umumenyereza w'umurwi nserukiragihugu w'Ububirigi Roberto Martinez ashobora kuba yiteguye gusubira kurangurira amabanga yiwe mw'ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League - kandi rero Tottenham ubu isanzwe idafise umumenyereza iriko iramukurikiranira hagufi. (Sun on Sunday)
Umumenyereza wa Fulham Scott Parker na we nyene ariko araboneka nk'umuntu ashobora guhiganira gusubirira Jose Mourinho aherutse kwirukanwa na Tottenham, umurwi Parker yamazemwo imyaka ibiri nk'umukinyi. (Football Insider)
Umumenyereza wa Bayern Munich Hansi Flick, ubu asanzwe ari mu nzira agenda, aripfuza kumenyereza umurwi nserukiragihugu w'Ubudagi mu gihe Joachim Low yogenda inyuma y'ihiganwa rya Buraya, kandi nta mugambi afise wo kuja kumenyereza Tottenham. (Sport1 - in German)
Umukinyi w'inyuma wa Real Madrid, umunya Espagne Sergio Ramos ubu afise imyaka 35 arizeye ko ashobora kubandanya akinira uyo murwi mu kiringo c'iyindi myaka ibiri iri imbere, ni mu gihe Real imaze kumwemerera uwundi mwaka umwe inyuma y'aho amasezerano afitaniye nayo azorangirira mu ci riza. (Marca)
Amasezerano umunyegori w'Umutaliyano Gianluigi Donnarumma afitaniye na AC Milan azorangira mu ci riza, umuhagarikizi wiwe Mino Raiola akaba ari mu biganiro na Juventus kugira ngo uyu mukinyi w'imyaka 22 ashobore guca asimbirayo. (Calciomercato - in Italian)
Umumenyereza wa Juventus Andrea Pirlo yagize ico avuga ku bihuha bimaze igihe ku bijanye na kazoza kiwe, akavuga ko amaze kuvugana na bene uyu murwi kandi ko ata mpungenge afise ku bijanye n'akazi kiwe.. (Goal)
Umumenyereza wa Arsenal Mikel Arteta ashobora kuba yipfuza guha akaryo umukinyi wo hagati, umwongereza Joe Willock w'imyaka 21 ubu asanzwe akina muri Newcastle United iyo yatijijwe, kugira ngo yerekane ubuhinga bwiwe muri uyu murwi . (Shields Gazzette)
Arteta avuga kandi ko Arsenal "igiye kwihweza ico kibazo" mu gihe izoba iriko yihweza ingene yogiriranira ayandi masezerano n'uwundi mwongereza, Emile Smith Rowe w'imyaka 20. (Sky Sports)
Aston Villa iriko iritegura kugura umukinyi w'inyuma wa Manchester United, Umwongereza Axel Tuanzebe w'imyaka 23. (Football Insider)
Umuhagarikizi w'umukinyi w'inyuma Eric Garcia wa Espagne asanzwe akina muri Manchester City, ari hafi yo gushika ku masezerano ashobora gutuma uyu mukinyi w'imyaka 20 aja gukinira Barcelona ata kirinze gusabwa, ni mu gihe amasezerano afitaniye na city azoba arangiye mu ci riza. (Mundo Deportivo)