Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umutoza w'Intamba avuga ko atarenganya abakinnyi ku gutsindwa na Madagascar
Umutoza Olivier Niyungeko avuga ko ishyaka ry'Intamba mu Rugamba mu mukino na Madagascar ritari ryinshi nko mu mukino wabanje na Nigeria, ariko ko atarenganya cyane abakinnyi.
Avuga ko n'izuba ryinshi ritaboroheye, ko kandi abakinnyi bagaragaje kunanirwa, ari yo mpamvu yatangiye gusimbuza hakiri kare.
Ariko avuga ko abakinnyi bitanze uko bashoboye, nubwo Madagascar ari yo yegukanye intsinzi y'igitego 1-0 muri uwo mukino wabaye ejo ku wa kane.
U Burundi na Madagascar byombi ni bwo bwa mbere mu mateka yabyo byitabiriye iyi mikino y'igikombe cy'Afurika.
Umukino wa nyuma wo muri iri itsinda B, u Burundi buzawukina na Guinea-Conakry ku cyumweru.
Bwana Niyungeko avuga ko intego ari uko iyi kipe yasubira mu Burundi itsinze nibura umukino umwe cyangwa ikanganya.
Ni mu kiganiro yagiranye na Robert Patrick Misigaro wa BBC Gahuzamiryango uri mu Misiri, ushobora kumva ugiye aho hejuru ku ifoto.