Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mbappé, kapitene wa France ku myaka 24
Ibitangazamakuru vyo mu Bufaransa bivuga yuko rurangiranwa mu mupira w’amaguru, Kylian Mbappé, yatowe ngo azobe kapitene w’ikipe nserukiragihugu y’Ubufaransa.
Uyu musatirizi wa Paris Saint Germain w’imyaka mirongo ibiri n’ine, vyitezwe ko arongora ikipe Les Bleus mu rukino yimirije ku munsi wa gatanu, aho bazokina n’Ubuholandi urukino rwo kurondera itike yo kuja mw’ihiganwa rya Buraya, Euro 2024.
Mbappé yari afise imyaka cumi n’icenda igihe Ubufaransa bwatwara igikombe c’isi mu 2018, kandi ku buryo butazokwibagirana, yinjiza ibitsindo bitatu (hat-trick) mu rukino rwa nyuma rw’igikombe c’isi nyene mu 2022 igihe Ubufaransa bwatsindwa na Argentine.
Agiye gusubirira kapitene yari abirambiyemwo, Hugo Lloris, yakukurutse mu gukinira ikipe nserukiragihugu y’Ubufaransa mu kwezi kwa Nzero (1).