Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Salah, Jesus, Saka, Bale, Mane, De Ligt

Yatangajwe

Umusatirizi w’umunyamisiri Mohamed Salah w’imyaka 29, yabwiye bagenziwe ko yipfuza kubandaniriza kazoza kiwe muri Liverpool ariko yakubise ikorosi inyuma y’aho Barcelona imwemereye ko imukeneye i Nou Camp mu ci riza. (Mirror) 

Real Madrid ishobora kurondera  gukubita hasi Arsenal mu rugamba rwo  kurondera Gabriel Jesus wa Manchester City muri rino ci. Atletico Madrid nayo nyene iripfuza uyu musatirizi wa Brezili. (Sun)

Manchester City yongereje umurindi mu kurondera umukinyi wo ku ruhande wa Arsenal n’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza Bukayo Saka w’imyaka 20, ikaba ishaka kwitanga umukeba wayo Liverpool nayo nyene imaze kubona ko izomukenera muri kazoza. (Mail)

Tottenham nta igambi ifise yo kuzana kizigenza wa Pays de Galles/Wales, Gareth Bale, ku ncuro ya gatatu mu gihe uyu mukinyi w’imyaka 32 ariko arihweza aho azokwitegurira inkino z’igikombe c’isi yose. (Telegraph) 

Umusatirizi wa Senegal Sadio Mane w’imyaka 30, amaze kubaza mugenziwe wa Liverpool yahoze akina hagati muri Bayern Munich  Thiago Alcantara nimba ashobora gusubira mu ruhongore i Munich mu gihe yoramuka yinjiye muri uno murwi watahukanye ihiganwa ry’Ubudagi, Bundesliga, muri rino ci. (Mail) 

Barcelona iriteguye kuganira na Manchester United kugira ngo irabe ko uyu  munya Hollande akina hagati Frenkie de Jong w’imyaka 25, yokwimukira i Old Trafford (ikibuga ca Man United) ariko uyu murwi wa Espagne nta rwandiko iraronka ruva muri Man U rusaba icese uyu mukinyi. (Sport) 

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Hollande Louis van Gaal avuga ko umusatirizi Steven Bergwijn w’imyaka 24, akeneye kuva muri Tottenham akimukira muri  Ajax "vuba bwango". (De Telegraaf ibicishije muri Evening Standard)

Tottenham ikeneye imiriyoni 30 z’ama euro kugira ngo ishobore kurekura Bergwijn muri rino ci. Uyu mukinyi kandi araronderwa n’abandi bakeba bo muri Premier League, Everton, mu gihe umurwi uherutse gutsindira ihiganwa rya Hollande, Ajax, ukiriko urategura urwandiko rwo kumusaba ku mugaragaro. (Fabrizio Romano) 

Chelsea iripfuza umukinyi w’inyuma wa Juventus, umunya-Hollande Matthijs de Ligt w’imyaka  22, ariko umumenyereza w’uyu murwi w’aba Blues,Thomas Tuchel, aracashira imbere Jules Kounde w’imyaka 23, umufaransa akina inyuma muri Sevilla no mu murwi nserukiragihugu w’Ubufaransa. (talkSPORT) 

Angel di Maria w’imyaka 34 aboneka ko ashobora kuronderwa na Barcelona hadakoreshejwe uburyo bwinshi mu gihe uyu munya Argentina yiteze gusezera Paris St-Germain igihe amasezerano yiwe azoba arangiye mu ci. Barcelona kandi iripfuza Raphinha w’imyaka 25 ariko iramirira kure igiciro c’imiriyoni 60 z’ama euros asabwa na Leeds kuri uyu mukinyi wo ku ruhande w’umunya Brezili. (Marca)

Newcastle nta mugambi ifise wo kugura Dean Henderson w’imyaka 25 asamira  Manchester United  muri rino ci n’aho amakuru abandanya yemeza ko uyo murwi urondera uyu mwongereza. Ivyo kurondera umwongereza Dominic Calvert-Lewin w’imyaka  25 akinira  Everton be n’umunya Hollande Nathan Ake w’imyaka 27 akina inyuma muri Manchester City bisa n’ibitariko biroroha. (Telegraph )

AC Milan, Inter Milan, na Arsenal yose iriko irarondera umusatirizi wa Sassuolo umutaliyano Gianluca Scamacca w’imyaka 23, yinjije ibitsindo 16 muri Serie A (ihiganwa ry’Ubutaliyano) mu gice giheze. (Football Italia)

Manchester United na Bayern Munich yompi iriko irarwanira umukinyi w’inyuma wa Inter Milan, umunya Hollande Denzel Dumfries w’imyaka 26 muri rino ci. (Calciomercato via Mail) 

Umukuru w’igisata kijejwe kwinonora imitsi wa Newcastle Dan Ashworth avugwa ko ashaka gukora ibishoboka vyose ngo azane uwundi mukinyi wo ku ruhande rw’i buryo muri rino ci, umufaransa Moussa Diaby w’imyaka 22 akina muri Bayer Leverkusen, hamwe n’umunya Senegal Ismaila Sarr w’imyaka 24 akinira Watford, bakaba ari bo bakinyi babiri bari ku rutonde rw’abaronderwa. (Sky Sports) 

Umukinyi w’inyuma w’umunya Hollande Sven Botman w’imyaka 22 yavugwa ko aronderwa na Newcastle, avuga ko AC Milan ikiriko irategura amasezerano kugira ngo imugure burundu imukuye muri Lille. (Football Italia)

Umukinyi w’inyuma w’umwongereza James Tomkins w’imyaka 33 avugwa ko yateye igikumu ku masezerano mashasha y’umwaka umwe muri Crystal Palace, mu gihe umukinyo wo hagati w’umunya-Ecosse James McArthur w’myaka 34 na we nyene avugwa ko yemeye amasezerano mashasha i Selhurst Park(ikibuga ca Crystal Palace). (Sun)