Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw'igura n'igurishwa ry'abakinyi: Onana, Kane, McTominay, Lukaku, De Gea, Mahrez
Manchester United iri hafi yo gushika ku masezerano yo kugura umunyegori wa Inter Milan André Onana ku miriyoni zababa 50 z’amapawundi.
Uyu Munyakameruni w’imyaka 27 azosubirira David de Gea yari amaze imyaka 12 muri uno murwi akaba yasezeye mu kwezi guheze.
Inyuma y’umubonano hagati ya United n’abaserukizi ba Onana ejo ku wa Mungu, bivugwa ko bashitse ku mwumvikano w’amasezerano y’imyaka itanu, ishobora kwongerwako umwaka umwe.
Ibiganiro hagati y’iyi mirwi yompi ntibirarangira.
Ariko ubu bisa n’uko ata gisivya ko Onana azoba yamaze kwimukira muri Manchester United imbere y’urugendo rw’uno murwi muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ruzotangura mu mpera z’ino ndwi.
Umumenyereza Erik ten Hag arazi neza Onana inyuma y’igihe bamaranye muri Ajax, akaba yizeye ko ashobora kubera United umunyegori nyawe, kuva uyu mumenyereza ashitse muri uno murwi umwaka urarangiye.
Onana yamaze imyaka indwi n’igice muri Ajax imbere y’uko yimukira muri Inter mu kw’indwi 2022.
Ayandi makuru
Liverpool irategekanya gushika ku masezerano n’umukinyi wo hagati wa Manchester City n’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza Kalvin Phillips w’imyaka 27, mu gihe Fabinho ari hafi yo kwimukira muri Arabia Sawudite. (Mirror)
West Ham iri mu biganiro irondera kugura umukinyi wo hagati wa Fulham, umunya-Portugal Joao Palhinha w’imyaka 27. (Talksport)
Erik ten Hag aripfuza kugurisha umukinyi wo hagati wa Manchester United n’umurwi nserukiragihugu wa Ecosse/Scotland Scott McTominay w’imyaka 25 kugira ngo ashobore kuronka amafaranga yo kugura abakinyi muri iri ci. (Metro)
Inyuma y’aho ikuriye akarenge mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Chelsea n’umurwi nserukiragihugu w’Ububirigi Romelu Lukaku w’imyaka 30, Inter Milan yahindukirije amaso ku musatirizi wa Atletico Madrid umunya-Espagne Alvaro Morata w’imyaka 30 hamwe n’umusatirizi wa Arsenal Umunyamerika Folarin Balogun w’imyaka 22. (La Gazzetta – mu gitaliyano)
Lukaku ntazojana n’abandi bakinyi ba Chelsea mu ngendo zo kwitegurira ihiganwa ry’umwaka w’inkino uza, mu gihe uno murwi ushira imbere kumugurisha ku miriyoni 34 z’amapawundi. Umugambi wa Juventus wo kumurondera uzovana n’amasezerano hagati ya Paris St-Germain n’umusatirizi wa Serbia Dusan Vlahovic w’imyaka 23. (Fabrizio Romano)
Uwahoze ari umunyegori wa Manchester United David de Gea w’imyaka 32, aboneka ko yiteguriye kwimukira muri Arabia Sawudite inyuma yo kwemererwa imishahara minini n’imirwi itari mike. (Daily Star)
Chelsea yanse amafaranga atangwa na Fulham ku mukinyi wo ku ruhande w’Umwongereza Callum Hudson-Odoi w’imyaka 22. (Mail Online)
Umukinyi wo hagati wa Argentina Giovani Lo Celso w’imyaka 27 ari hafi yo gusezera muri Tottenham Hotspur inyuma y’aho Napoli yugururiye ibiganiro n’uno mukinyi. (Daily Mail)
Newcastle United irashaka kugura umusatirizi wa Georgia Khvicha Kvaratskhelia w’imyaka 22 asanzwe akinira Napoli. (Corriere Dello Sport – mu gitaliyano)
Nottingham Forest iripfuza kurangiza igikorwa co gusinyisha umusatirizi wa Brezili Matheus Nascimento w’imyaka 19 akinira Botafogo. (UOL – mu gi-portugal)
Al Hilal yo muri Arabia Sawudite iri hafi yo gushika ku masezerano n’umusatirizi wa Fulham umunya-Serbia Aleksandar Mitrovic w’imyaka 28. (Football Insider)
N’aho aronderwa na West Ham, umukinyi w’inyuma w’Ubudagi Jonathan Tah w’imyaka 27 aboneka ko yiteguriye kwigumira muri Bayer Leverkusen yo mw’ihiganwa ry’Ubudagi Bundesliga. (Kicker – mu kidagi)
Leicester City na Burnley ziriteguye guhangana mu kurondera umukinyi wo hagati wa Manchester City Cole Palmer w’imyaka 21 ku ntizo. (Leicestershire Live)
Bayern Munich iriteguye kugurisha umukinyi wayo wo hagati Umudagi Leon Goretzka w’imyaka 28 mu gihe hogira umurwi wemera kumutangako imiriyoni hagati ya 40 na 50 z’ama-euro. (Sky Germany – mu kidagi)
Abakinyi b’inyuma Eric Bailly w’imyaka 29 wa Côte d’Ivoire be na Alex Telles w’imyaka 30 wa Brezili ntibitavye ku musi wa mbere w’imyimenyerezo ya Manchester United yo kwitegurira ihiganwa ry’umwaka w’inkino uza mu gihe hari imigambi yo kubagurisha. (Mirror)
Umuyobozi nshingwabikorwa wa Bayern Munich Uli Hoeness yemeza ko umusatirizi wa Tottenham Hotspur n’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza Harry Kane w’imyaka 29, azokwimukira mu Budagi muri rino ci. (Kicker – mu kidagi)
Mu gihe kazoza ka Kane kadatomoye, Tottenham Hotspur iriko iraraba ko yorondera umusatirizi wa Juventus umunya-Serbia Dusan Vlahovic. (Rudy Galetti)
Juventus iriko irarondera umukinyi wo hagati wa Barcelona umunya- Côte d’Ivoire Franck Kessie w’imyaka 26. (Fabrizio Romano)
Umukinyi wo ku ruhande wa Manchester City umunya-Algeria Riyad Mahrez w’imyaka 32 araronderwa na Al-Ahli yo muri Arabia Sawudite. (Fabrizio Romano)
Umukinyi wo ku ruhande wa Newcastle United Umufaransa Allan Saint-Maximin w’imyaka 26 na we nyene ariko araronderwa na Al-Ahli. (Alkass – mu carabu)